Nikki Haley, wari uhagarariye Leta Zunze Ubumwe z’Amerika mu muryango w’abibumvye, yatangaje ko yatanze imihoho ku mirimo yiwe- akazi yari amazemwo imyaka hafi ibiri.
Perezida Donald Trump yagaragaye mu biro vyiwe vya White House ari kumwe na Madamu Haley, avuga ko amushimira « ku kazi keza cane » yakoreye Amerika.
Madamu Haley w’imyaka 46 y’amavuko, yahoze ari guverineri wa leta ya Carolina y’amajepfo. Ni umwe mu bagore bake bari bari mu butegetsi bwa Bwana Trump.