Umurwi CVR washikirije icegeranyo cawo imbere y’inama nshingamateka na nkenguzamateka

Umurwi ujejwe ukuri no kunywanisha abarundi CVR(Comission Verite et Reconciliation) watanze icegeranyo c’ibikorwa vyawo imbere y’inama nshingamateka na nkenguzamateka vy’Uburundi aho abashikiranganji 4 batumiwe murico gikorwa nk’uwa gateka ka zina muntu,uw’ubutungane,uwujejwe umutakano hamwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu.

Bimwe muvyagiye birashikirizwa n’umurwi wamaho ujejwe ibibazo vya poritike mu nama nshingamateka na nkenguzamateka nuko uyo murwi wokwongererezwa ikiringo,kuwongereza ubuhinga hamwe no kuwongereza uburyo ukoresha kugira uheze igikorwa cawo.

Abashikirije ico cegeranyo bavuze ko ico cegeranyo mfatakibanza kigizwe n’ivyagiye vyumvirizwa,ivyashikirijwe n’ivyatanzwe muruyo murwi hamwe n’ivyo uyo murwi warondeye ukoresheje ubushakashatsi mu ntumbero yo kumenya ukuri.

Umushikiranganji w’ubutungane Aimee Laurentine KANYANA yavuze ko ugukorana k’ubushikiranganji arongoye hamwe n’uyo murwi ufatiye kw’itegeko rijanye no gukingira abakorewe ivyaha hamwe no gukingira ivyabona .

Umushikiranaganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Pascal BARANDAGIYE yavuze ko uyo murwi ukwiye gukora igikorwa cawo kigahera kuko kidaheze hari abantu bohava biha inyishu kuribi canke biriya.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s