Abasirikare ba AMISOM baragirizwa kwica abanyagihugu mu karere ka Huriwa i Mogadishu muri Somalia

Abasirikare b’ubumwe bwa Afrika bagiye kugarukana amahoro mu gihugu ca Somalia baragirizwa kwica abanyagihugu bane ku mugwa mukuru Mogashu Ivyabona bivuga ko abasirikare ba Amisom barashe ku banyagihugu igihe urukurikirane rw’imodoka zabo rwaca kuri bombe iteze mw’ibarabara.

Ivyo vyashitse mu karere ka Huriwa kari mu buraruko bw’igisagara ca Mogadishu. Ku rubuga rwa twitter, Amisom ivuga ko urukurikirane rw’imodoka zayo zatewe ariko ntaco bavuga kuri uko kurasa, bivugwa ko kwoba kwarakozwe n’abasirikare b’abarundi. 

Incuti z’abishwe zihamagarira reta ya Somalia kubatunganiriza, mu gihe abantu bashavuye barenga mirongo ibiri bihereje amabarabara y’i Huriwa.  U Burundi na Uganda nivyo bihugu bifise abasirikare benshi mu mugwi AMISOM.

Publicités