Amerika: Uruhande rwa Trump rwatsinzwe mu matora yo muri Amerika y’abashingamateka yo hagati mu kiringo

Umugambwe w’abademokrate watsinze amatora y’abashingamateka mu matora yo hagati mu kiringo muri Amerika, kikaba ari igihombo gikomeye ku ruhande rwa Trump. Kwigarurira iyi nama nshingamateka ubwa mbere mu myaka umunani bizotuma abademocrate baburizamwo imigambi ya Trump.

Ariko aba Republike bo ku ruhande rwa Trump bazogumana ubwinshi mu nama nkenguzamateka. Amatora y’uyu musi yabonwa nk’amatora yo kwemeza canke guhakana inyifato ya prezida n’aho atoshobora gutorwa mu 2020.

Publicités