Ubuganda buriko butunganya inteko nshasha zofasha gukomeza umutekano mu gisagara ca Kampala

Leta y’igihugu ca Uganda iriko itunganya umugwi uzofasha guhasha ubugizi bwa nabi bugwiriye mu muji wa Kampala, abanegura uwo mugambi bagatinya kuzotuma havuka izindi nkozizikibi. 

Zarake Maria Goretti yicaye mu vyatsi aheje gutanga amaraso yiwe ngo asuzumwe.  Uwo mwigeme w’imyaka 22 ni umwe mu bantu ibihumbi baje gusaba ngo binjire mu mugwi mushasha w’abasivile bagiye gufasha gukomeza umutekano uzwi ku zina « Local Defence Units » (LDUs). 

Niburiburi abantu 6000 nibo bazoba bagize umugwi LDUs, bakaba bariko baramenyerezwa n’inteko zijejwe umutekano ingene zohangana n’inkozizikibi zatumye ubwicanyi bwiyongera.  Abanegura uwo mugambi bafatira akarorero ku wundi mugwi nka mwenuyo, batinya ko bamwe mu bazoba bari muri uwo mugwi bokwiyibagiza imirimo basabwe bakavamwo inkozizikibi.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s