Arabasohokana, arababaza, ati bagenzi, nkwiye gukora iki ngo nkire? baramwishura, bat’izere umwami Yesu, urakira, mwe n’abo mu nzu yawe.

IVYAKOZWE N’INTUMWA 16:30-31 Arabasohokana,arababaza, ati bagenzi, nkwiye gukora iki ngo nkire? baramwishura, bat’izere umwami Yesu, urakira, mwe n’abo mu nzu yawe.

Kubwo ukudatinya canke ukwihangana Kwa Paulo na sila, umurinzi w’ibohero niwe yabasohokanye mbere afise ubwoba. Yabonye ko ububasha bafise budasanzwe hama abasaba ico yokora ngw’akire. Nabo baramubwiye ati niwizere umwami Yesu, urakira hamwe n’abo mu rugo rwawe.

Izere nawe umwami Yesu, umwe akora ibitangaza. Niwe ahindura ivyanse guhinduka. Icaha cakunaniye kwihebesha kimubwire, arakirandura. Ingorane zose ufise zimubwire,niwe nyishu y’ibibazo.

Yesu ateze ibiganza. Arashaka ko tumujako akatwiganzira. Ivyiyumviro vyacu,ingendo zacu,imvugo zacu,inyifato yacu, vyose biganzwe nawe.

Dusenge: Mwami Uhoraho nyaguhoraho,tugushimiye imbabazi zawe nyinshi utugirira. Harira ivyaha vyacu vyose. Vugana natwe mw’ijoro nokumurango. Turwanirire intambara zacu zose.Utuzigamire mu mababa yawe. Ni mw’izina rya Yesu nsenze nizeye.

Amen.

Publicités