Umutumiro w’amasengesho yo kwinginga Imana y’iyi ndwi kuwa 17 no kuwa 20 Nzero 2019

*Umutumiro w’amasengesho yo gusengera imitwaro y’Ihanga ry’Abarundi n’Uburundi*

Nkuko Uhoraho Imana yabidutegetse twama dufise amasengesho ya bose kabiri mu ndwi Mercredis na Samedis. Uretse amasengesho adasanzwe abera ku bicaniro dusanganye bitandukanye, ayabera mu migwi itandukanye y’ intara kama, whatsapp na Facebook, abari I Bulaya basenga Lundi, Aziya na Ostraliya basenga mardi, Afika ni Jeudi, Canada na Amerika ni Vendredi.

Mu masengesho ya bose dusengera imitwaro y’abarundi bose abari mu gihugu n’abari mu mahanga, tukongera tugasengera Uburundi n’ihanga ry’Imana.

URUFATIRO RW’IYI NDWI:

-« Bagiye Guhindura invugo, unakurwe murwobo abansi bagutayemwo »

-“ Ihanga ry’Abarundi ryaciwemwo imigwi na satani yishimikije cane cane amoko n’ubutandukane bw’ivyiyumviro vya politike, intara n’imiryango basukwa mu vyaha vy’ubwicanyi, urwanko, uburyarya, ubugarariji n’ibindi vyinshi; maze satani asuka igihugu mu marira n’amaganya, hibonekeza isabagire, impunzi, impfuvyi n’abapfakazi. Uhoraho Imana niwe agiye ku dutabara no kudushikana mw’Isezerano: Amahoro, iterambere n’umunezero.”

IBISOMWA DUHAWE

——————-

-Ivyakozwenintumwa 28:6;

-Danieli 6:18- 23;

-Zaburi 129 yose

INDIRIMBO

——————-

126, 295, 350, 97, 210.

IVYO MWEMU W’IMANA AHISHURA

———————-

-Abantu benshi bahenzwe n’abigira abamarayika b’umuco kandi ari ibikoresho vy’umwijima bagiye kuzimuruka bifatanye n’ihanga ry’Imana.

-Abantu beshi bategereje isezerano ariko icananiye Abakristo bikigihe uno musi barizera ejo bakabivamwo kandi isezerano rikenera abariteramira bashikamye. Mugabo naho biruko Imana yarhitiyemwo intwari.

IVYOGUSENGERA

—————————–

1. Musengere abo Imana yasize amavuta ngo babaje imbere muri uru rugendo.

2. Uretse imitwaro yaho mu herereye, ni ugusengera no gushika ku abihebuye, abaruhijwe n’ubuzima, abagwayi, abapfunzwe, abashonje, abari mu bitaro, abageze muzabukuru, abamugaye n’ababa mw’ibarabara.

3. Uku kwezi ntikuzohere udakoze ibikogwa vy’urukundo nko gushika no gufasha abagowe.

4. Mwibuke gusengera abavyeyi bibungenze, abana bato, abimirije kugira imanza z’ubugeni, abari mu ngendo, abapfunzwe, abageze muza bukuru , abafise ubumuga n’impunzi.

5. Musengere igihugu c’Uburundi kugira ngo umugambi w’Imana abe ariwo uranguka ivya satani vyose bisendwe mw’izina rya Yesu.

Ni dusangwe Imana, uBurundi n’Isezerano.

Bujumbura, Nzero kuwa 15/2019

http://www.abisezerano.com

Publicités