Ibirori vyo kurahiza Félix Tshisekedi yatangajwe ko yatsinze amatora muri Congo

Félix Tshisekedi agiye kuramutswa igihugu ca Congo ni umuhungu w’umunyapolitike yashengeye atavuga rumwe n’ubutegetsi, Etienne Tshisekedi

Igihugu ca Repubulika y’Intwaro rusangi ya Congo kiri mu birori vyo kurahiza umukuru w’igihugu mushasha aheruka gutogwa, Félix Tshisekedi atavuga rumwe n’ubutegetsi. 

Ku makuru aca ku mboneshakure ya Congo « Radio Télévision Nationale du Congo » (RTNC), isinzi ry’abantu niryo ryitavye ivyo birori biriko bibera mu kibanza Palais de la Nation ku mugwa mukuru Kinshasa.

Akanama kajejwe amatora mu gihugu kamenyesheje ko Félix Tshisekedi ariwe yarushije amajwi abo bahiganwa mu matora, Martin Fayulu nawe nyene atavuga rumwe n’ubutegetsi hamwe na Emmanuel Shadari wo mu runani rwegereye ubutegetsi. 

Perezida Joseph Kabila agiye gutanga ubutegetsi, yarakeje umukuru w’igihugu mushasha Félix Tshisekedi avuga ko amushikiriza ubutegetsi ata gahigihigi.

Abategetsi bo mu karere hamwe n’amakungu barakeje intsinzi ya Félix Tshisekedi, itumvikanyweko na bose mu gihugu ca Congo.

Umuryango w’Ubumwe bwa Afrika wavuze ko ufise « impungenge zikomeye » ku vyavuye mu matora, mu gihe umukandida w’ijunja bahiganwa Martin Fayulu yemeza ko ariwe yatsinze. 

Mu nyuma uwo muryango co kimwe n’igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika barakeje Félix Tshisekedi. 

Bugiye kuba ubwa mbere haba ibisikanya ku butegetsi ribaye mu mahoro kuva igihugu cikukira mu 1960.

Publicités