Ririmba, mwa majuru; nezerwa wa si we; turika muririmbe, mwa misozi miremire, kuk’Uhoraho amaze umubabaro abantu biwe

YESAYA 49:13 Ririmba, mwa majuru; nezerwa wa si we; turika muririmbe, mwa misozi miremire, kuk’Uhoraho amaze umubabaro abantu biwe, kand’atewe akagongwe n’abahahajwe biwe. Alleluyaaaa. Muntu w’Imana, sinzi ivyo uriko uracamwo vyatumye ugaragara imbere y’Imana kuri IMPAHAZWA, Uhoraho Imana yawe ariyo Mana yanje yatewe akagongwe nawe ! Sinzi ikiguhahaje ic’ari co ? Uhoraho araje kukigukurako! Yoba ari ingwara, ubukene, kwankwa n’abatokwanse, kuvugwa nabi, gutotezwa n’abatogutoteje, ubupfuvyi, ubupfakazi, ubugumba, kubura akazi, sinzi, ariko Uhoraho yatewe akagongwe nawe, aravuze ngo RIRIMBA NEZERWA araje kugutabara araje kubiroranya araje kukwirura, Halleluya, DUSENGE : Mana Turagushimiye cane Ugize neza Mukunzi Mwiza Udatetereza raba turi bazima Mana kubw’imbabazi zawe zatubayeko n’Ushimwe, Shishikara kutugirira neza, Imbabazi zawe vy’ukuri zitubonekeho, ikigongwe cawe kibe kuri twe, bimenyekana Mana kuri mu ruhande rw’abakwizigiye, rw’abaguhamagara ijoro n’umurango, ni Wewe Mana Wenyene tweza amaso ni Wewe Mana We Nyene dusenga, icubahiro inganji ugufukamirwa bibe ivyawe ibihe vyose Amen.

Publicités