Icompa abantu banje bakanyumvira, Icompa Abisirayeli bakagendera mu nzira zanje ! Notsinda abansi babo vuba

ZABURI 81: 13-14 Icompa abantu banje bakanyumvira, Icompa Abisirayeli bakagendera mu nzira zanje ! Notsinda abansi babo vuba, Nohindurira ukuboko kwanje ku barwanizi babo. Alleluya, Hinduka wumvire Imana kugira nayo iguhindurire ibihe, iguhindurire imibereho, hari ibikurwanya bitandukanye hari ibikuruhije, hari ibikuzazaniye mbere waburiye inyishu utabona uko bizogenda, usabwa kwiraba mu ngeso zawe, mu ngendo zawe, Imana irahindura ibihe, irakiza, iratabara irabohora, iravuga, n’umutunzi wa vyose, iyo uhindutse Imana nayo ihindura ibihe vyawe, ikagukurako abansi bawe vuba. Alleluya. DUSENGE : Mana Data wa twese tuje imbere zawe tugushima watugiriye neza guko hari abaheze mw’itiro n’ushimwe Mana, n’ubu twongeye kukwinginga Data Mwiza utwigishe kuguma mw’ijambo ryawe utwigishe kurigendera no kukwizera ibiturwanya urwane navyo ibiduhiga ubihige, uduhe ibidukwiriye uyu musi, icubahiro kibe icawe ibihe bidashira, Amen.

Publicités