Agatabo: IZINA RY’IBANGO (Imana ihindurira amazina ab’ikunda)

image1“Imana imushira hejuru cane, imuha rya zina rirengeye ayandi mazina yose; kugira ngo amavi yose az’apfukame mw’izina rya Yesu, ay’ivyo mw’ijuru, ay’ivyo mw’isi, n’ay’ivyikuzimu, kand’indimi zose zize zature yuko Yesu Kristo ar’Uhoraho ngo bize biheshe Imana Data wa twese icubahiro” (Abifilipi 2:9-11, Yesaya 45:23, Yohana 5:23, Ivyak 5:13).
Kenshi iyo abana b’abantu dusoma ayo majambo, twibaza yuko tuyazi neza, mu ncamake tukavuga yuko Imana yashize hejuru Yesu Kristo. Ico twibagira kuraba neza kandi ngo dutahure n’uko ikintu gikuru Imana yamuhaye ari IZINA, iryo ZINA niryo rirengeye amazina yose. Kandi mw’ijuru, mw’isi n’ikuzimu amavi yose apfukama muri iryo IZINA. Ibintu vyose atanakimwe gisigayemwo ntibirindira kubona Yesu Kristo ngo bipfukame, oya, kwumva izina ryonyene bitegerezwa gupfukama, kandi indimi zose zikatura. N’ubu ugomba gukira igwara zose, ugomba ubushobozi, ugomba kuramba ugomba ubutabazi, ubutware, ukoresha IZINA gusa. IZINA, IZINA, IZINA, rya Yesu Kristo.
Ku Mana izina ni ikintu gihambaye cane kuko izina niryo karanga k’umuntu, izina niryo ririmwo umugambi w’Imana, izina niryo ririmwo isezerano, izina niryo ririmwo ubushobozi, izina niryo ririmwo ububasha bwose dukeneye. IZINA niryo duhererwamwo n’ugucungurwa.
Iyo Imana ije gukorana n’umwana w’umuntu igasanga afise izina ridahuye n’umugambi wayo, canke izina ridahuye y’isezerano igufitiye ica iguha irindi zina rishasha ikakubwira ngo ntuzosubira kwitwa riyra ukundi, iti uhereye uyu munsi uzokwitwa gutya, ikaguha izina rishasha rihuye n’umugambi igufiseko. Bibiriya iratwereka abantu barenga 35 bahinduriwe amazina harimwo:
– Aburamu umukunzi wayo n’umukenyezi wiwe sarayi, ibita Aburahamu na Sarah (Itanguriro 17:5-17)
– Yakobo yaniganye n’Imana imwita Isiayeli, (Itanguriro 32:28.)
– Pashur imwita Magori Misabibu risigura “ikiza ku mpande zose” (Yeremiya 20:1 – 6).
– Impera n’imperuka Imana izohindurira n’abizera bose amazina kandi nta muntu arizi atari uwuzorihabwa.” (Ivyahishuriwe Yohana 2:17)
Izina ni ikintu gihamabaye ku Mana no kubantu. Niba ufise izina ridahuye n’ico Imana yaguhamagariye harageze yuko uhindurigwa izina ugahabwa izina riva ku Mana kugira ngo ushobore kugendana n’Imana urangura ico yagutoranirije. Uhoraho Imana Yehovah, ni Imana y’amazina. Ifise amazina y’ubushobozi ashika 100, urisomera ay’ubushobozi askika 11 ngaha. Iyo Mana nyene irakeneye yuko ugira izina rifise insiguro y’ukuri usanga warayizeye koko.
Abantu benshi baribaza igituma igihugu c’uzura amarira n’amaganya, ubukozi bw’ikibi, ukwicana, uburozi, ubusuma, ubusambanyi n’ibindi vyaha vyinshi. Ni ukubera yuko haba hariho mu gihugu impwemu ziba zidibamiye ku mazina menshi azireruye, n’ayandi mazina twovuga yuko ataco azitwara. Abantu barakwiriye kwitwa amazina atorohereza impwemu z’ubukozi bw’ikibi ahubwo bakitwa ayazana imigisha no kuroranirwa kandi nivyo mugira mwisomere muri aka gatabo.