Ubuvugishwa bwose ku Burundi no mu karere k’ibiyaga binini kuri CD

Hanga ry’Imana aho muri hose mu gihugu c’Uburundi no mu mahanga kw’isi, namwe mwese mukunda ukuri; ya ma CDs arimwo ubuvugishwa bwose bwerekeye igihugu c’Uburundi n’akarere k’ibiyaga binini yarashizwe ahabona.

Uhoraho yagize ati abantu banje bishwe n’ukutamenya (Hoseya 4:6 na Yesaya 5:13) kubera satani yaraje yinyegeza mu madini no mubavugishwa maze avanga ukuri n’ibinyoma. Mpwemu Yera yaraje kuvangurira abatoranijwe ukuri agushira ahabona kuko Ijambo ry’Imana ariryo tara ry’ibirenge vyacu (Zaburi 119:105)

Agasozi k’abavugishwa b’Ihanga Ryera ry’Imana karabegeranirije ubuhanuzi bwose bw’ukuri buri ku ma CDs kugira ngo umuntu wese akeneye kumenya ukuri abwiyumviririze maze agendere mu muco.Hariho kandi n’ama CDs y’ibiganiro vya Radio Isezerano Internationale vyose (Indirimbo, ubutumwa bwiza, amasengesho, …)

Urashobora gusaba ayo ma CDS ukoresheje nomero z’abakozi bo mwihanga ry’Imana canke ukayasaba ku bicaniro bikwegereye.

Ubutumwa bw’Umwami wacu Yesu Kristo bukomeze kwamamara no gushwara isi yose!

Muhezagigwe!

Publicités