UMUTUMIRO W’AMASENGESHO
Ku minsi ya Mercredi na Samedi, Ihanga ry’Imana ryose riba rifise amasengesho. Muri ayo masengesho kiretse abahabwa gusenga biyirije, abandi bose basengera aho bari banywa kandi bafungura.
URUFATIRO
– Dukwiriye kugira imigambi iyariyo yose dukurikije ubugombe bw’Imana. (Yakobo 4:13-17 na Luka 12: 16-20)
INYIGISHO
– Ni bibi gutegekanya kazoza ata Mana irimwo.
– Ni bibi kutamenya ico Imana igomba (Zaburi 39:4-5)
– Ntugahebe gukora ico wategerezwa gukora .
IVYO MPWEMU AHISHURA
-Abantu barakwiriye kumenya yuko umuzima n’ibihe biguma bihinduka.
– Abantu bamenye yuko ubuzima kw’Isi ari bugufi babunezereregwe.
-Abantu biyambure ibibabuza gukora ivyiza vyose kugira ngo Imana ibahezagire (Matayo 6:33)
IMITWARO
1. Gusengera abariko barakora imirimo itandukanye mw’Ihanga guhera ku barongozi, abavugabutumwa, abasenzi, abavugishwa , abarimvyi, n’abandi.
-Gusengera abagwayi, abapfunzwe, abashonje, abahunze, abageze muza bukuru, abagendana ubumuga, abana bo mwibarabara na bantahonikora.
-Gusengera imitwaro itandukanye iri kubicaniro, abagiye mu bihugu vy’abarabu bagiye kurondera ubuzima, imiryango y’abasirikare bagiye mu mahanga hamwe n’igihugu c’Uburundi ngo Imana igihe amahoro, ubutunzi no gushitsa isezerano yagisezeraniye.
abisezerano.com