Uyu ni uwigize ngo ni umwami w’ingoma y’uBuru-ngi. Benshi bibaza yuko intsinga zo mumutwe zakoranyeko babonye bakumva n’ivyiwe. Aho ngo ari ku nganji.
Aho Ihanga ry’Imana rishiriye ahabona Umugambi Uhoraho Imana ifitiye Uburundi, hariho injamvyi, aba escrots , abasuma n’abambuzi baciye bagomba kwiyitirira ayo masezerano mbere no kwiyitirira Ihanga ry’Imana mu majambo, no mubimenyetso.
Uwimonogoje ni imburabugirire yitwa Muhimpundu Lambert yahora yivuga ngo ni umuvugabutumwa kw’isi yose, yakoranye na Radio Isezerano akaja kwirukanwa kubera ingeso n’indero mbi. Mu bubegito bwiwe yahavuye yifata amajwi kuri telefone yiwe ngendanwa agakwiragiza mu mpuzi ngo afise umuhari witwa Mithebu uzotabara impunzi. Ntiyashizwe Inyuma yaho yahavuye aza arasahura abantu ababesha ngo « imana » atawuzi iyariyo yamugize umwami w’Uburundi. Asaba abantu ngo bamusabe, yiha abagogwa yise ngo ni abavugizi hiyo mu gihugu c’Ubugade iyo yahungiye ububisha yakoze muri bujumbura rural.
Benshi muribuka amajambo yuzuye iterabwoba yatangura ngo « Ingoma y’Ubutundi » maze akifatira mu gahanga abategetsi n’igihugu, abarongoye amashero bose n’umuntu wese azi yuko atizera ubuzimire bwiwe. Yahavuye ategwa ivyatsi n’abantu bose kiretse abamwiyorobekako hamwe n’utwana twudukobwa yahenze ngo azotugira utwamikazi.
Yaciye ahindura ngo ingoma ya Dawidi iBurundi n’ubujambo bwinshi bwerekana yuko atazi ivyo ariko arigana kuko hamwe ngo ni ugusambura ibishusho vya Ekleziya katolika, ahandi ni ugusambura ibimenyetso vyumugambwe uri ku butegetsi canke ngo ni ukwica aba na bariya. Ukwo kwigana ivyo yumvana abemera amasezerano kwatumye we n’ako kagwi kiwe kimburakimazi binyegeza inyuma y’ivyagezwe 10. Ni injavyi, intumva, umubandi w’umu escrot.
Yatanguye yitwa muhimpundu Lambert agenda arahindura amazina yiwe gushika aho yiyita Muyimpundu Yoshuwa. Iyo mbura bugirire ntaco yubaha, ntaco y’Ihanga; yikwegerako abantu bake ataco bibanga bataye ibanga akabagira ba nciyaha.
Agiye yashikira isimbo y’inuma ko atanguye kwigana amasengesho y’Ihanga ry’Imana. Kubera yiyimitse haheze imyaka 3 abantu bose bakamutera ivyatsi, usanga agira arondere utu escrots nkawe twivugishe yuko tumwimitse aheze aronke urufatiro. Abarundi bati ingoma ntigoye kwiba igoye kuronka aho uyivugiriza. Kubera iki ata umwanya mu bitagira akamaro aho gufata umwanya iyo ari mu buhungiro ngo asenge Imana mu kuri, yubake urugo nkuko hari abo yahenze ngo azobagira abamikazi maze akagira umuryango ubonako imyaka iriko iramujana.
Kuba se barundi, umwami, Umukuru w’igihugu canke umuntu afise amabanga yoshaka akavyibagira kuko nawe nyene arazi yuko bidashoboka. Arazi ijambo impunzi zo mu nkambi iNakival muri Uganda zamubariye kuvyo yabakoreye mu gihugu. Arazi kandi ico ari muri Yesu Kristo kuko ni intakebwa yigisha ivyagezwe, yuzuye ukwishima yigira ico atari nk’abanyamadini n’abafarisayo, arazi kandi yuko Ihanga ry’Imana ririmwo abavugutiwe ari naco gituma avuga amajambo adatahura nka « Théocratie « .
Abandanya umugambi wiwe yari yanditse yuko ahevye vyose kubera banse kumwemera nk’umwami n’indongozi ry’ihanga ry’aba Théocrates canke abandanya yandika amajambo y’imburabwenge abantu bose babona ku rubuga yinyegezamwo, vyose nico kimwe. Yaba we yaba n’impumyi ahenda ngo ni abavugizi b’ubwami bwo kuri Facebook na whatsapp , bose bazoguma mu buhungiro no mu buja bwiwe kuko batazi Isezerano icarico uretse kuvuga ku munwa ivyo bumvise abandi bavuze. Mugabo reka dusenge Imana ibugurure amaso.
Kwigana amasengesho y’Ihanga ry’Imana nico kintu tubashimiye. Naho boshaka kugomba kuyaha intumbero z’uburyarya bwabo, hari naho Uhoraho Imana yobakebanura akabihishura maze bagafata urutonde nyakuri rw’Imana. Tuzosenga muri iyo minsi 10 bavuga yuko bariko barasenga kugira ngo Imana ibatabare uburyarya, ukutabona iyo baja, ubuzimire n’uruhendo, n’akanwa kuzuye amajambo menshi. Turababazwa n’abatamira ubusa.
Abantu bose ni bumvire impuhwe Muhimpundu Lambert ariwe yiyise Muyimpundu Yoshuwa hamwe n’akagwi gato cane bafadikanya utuntu two kwigana Ihanga ry’Imana. Kwigenekerezo rya 17 uku kwezi yarivumbuye muri uyo muhari wiwe yita ubwami wo kuri Facebook aca ava ku murongo, uwo yita umuvugizi wiwe nawe nyene aca asigara arandika amateshwa. Tuzobasengera abo bana n’Uburundi nabo nibo bandi bakubagugwa n’impwemu zihumanye, zibatera kugendera inyuma y’Ihanga Ryera ry’Imana bagenda baravuga amajambo y’imburakimazi kandi bigana ibikogwa vyose kugira ngo bakunde bazimize.
Umwami Yesu akomeze agirire neza Ihanga ryiwe namwe mwese.
Vyanditswe na Murihano Cyrus