
UMUTUMIRO W’AMASENGESHO Y’IY’INDWI KUVA KUWA 9 GUSHIKA 16-2019
Ihanga Ryera ry’Imana ni Ishengero rya Yesu Kristo. Rifise ibicaniro vy’amasengesho birenge 50 bimwe biri mu gihugu cacu c’Uburundi, ibindi biri mu ma kungu muri Afrika, Aziya, Ostraliya, Ubulaya, Kanada na Amerika. Ivyo bicaniro bimaze imyaka kandi n’uyu munsi biguma bikurakuranwa mu gusengera igihugu c’Uburundi n’imitwaro y’Abarundi. Ivyo bicaniro nyene vyaramuye intumwa, abavugabutumwa, abavugishwa, abasenzi n’abaririmvyi b’Ihanga Ryera ry’Imana. Muri iyi myaka myinshi tumaze dusengera igihugu c’Uburundi, Uhoraho Imana yaratwihishuriye ivugana natwe iduha amasezerano y’intahava y’ijuru nay’Uburundi bushaha bg’isezerano tugiye kwinjiramwo vuba. Imana Nyeningabo yaraduhaye urutonde n’ikirangamisi uko ibintu bizogenda kikurikirana kuko yarirahiye yuko igiye gutabara igihugu n’abanyagihugu b’Uburundi.
URUFATIRO
Muri iyi minsi mikuru irangiza uyu mwaka wa 2019 ikatwinjiza mu mwaka wa 2020, havugwa vyinshi kandi muzokwumva vyinshi ariko ntimuranduke imitima.
– Hariho ibikogwa vy’Imana Nzima bitegura ishitswa ry’ivyo mwasezeraniwe vy’amahoro arama, umutekano n’iteramere kuri bose.
– Hariho ubuvugishwa bw’ukuri buva ku Mana buciye mu bavugishwa nayo, hakabaho n’ubuvugishwa bg’ibinyoma buva kuri satani n’ibikoresho vyiwe kugira ngo arandure imitima y’abantu, abateranye kandi ngo abasuke mu kaga.
– Hariho imigabo n’imigambi ya satani, abadayimoni n’ibikoresho vyiwe biri mu bana b’abantu navyo ntakindi atari kwica, ukwiba no kwonona ibintu n’abantu.
Ariko mweho Hanga Ryera ry’Imana, Shengero rya Kristo Yesu, ba Kristo mwese aho muri hose mwihane, mwezwe, mwitunganye; umuntu wese abe icitegererezo c’amahoro aho aherereye hose, mu vyiyuviro, mu mvugo, mu gusenga, mu gukunda abandi no mu mibano [Yesaya 9:6-7, Abifilipi 4:6-9]
INYIGISHO
Uko uwamenye Kristo Yesu n’uwatoranijwe wese akwiriye kwifata kugira ngo amahoro aruta uko yomenywa n’umuntu asesekare muri we mu bihe bigoye:
1. Kumenye yuko uri umushumba w’Imana aho uri hose mu mageragezwa no mu bihe bigoye.
2. Kumenye yuko utegerezwa guhesha Uhoraho Imana icubahiro muri vyose na hose.
3. Kwama uharanira gushingira intahe Yesu Kristo no kuzana abazimiye kuri we kuko niwe mukiza n’Umwami wenyene.
4. Kwama ubaho ubuzima bubera icitegererezo abandi bose mu mahigwe no mu magogwa.
5. Kwama ushira umutima wawe n’ubgenge bgawe ku migengeranire yawe na Yesu Kristo mu gufata ibihe vy’ituze, ibihe vy’amasengesho mu gusoma ijambo ry’Imana no kwizera.
Ivyo kwitwararika kugira ngo ushira mu bikogwa ibizana amahoro mu buzima bgawe no mubari hafi yawe. [Abifilipi 4:6-9]
– Kumenya yuko isoko ry’amahoro n’umutekano mu buzima bg’umuntu ari Imana Nyenamahoro yonyene mu kumenyana n’Umwami w’amahoro ariwe Yesu Kristo.
– Kumenya inzira y’amahoro yuko ari ukutiganyira mu kintu na kimwe, ukama usenga mu bihe vyose kandi ukamenya yuko ikiganza c’Imana kiri hose.
– Kumenya kubungabunga amahoro mu bugingo bgawe n’ubgo abandi mu kurinda umutima wawe na cane cane ivyiyumviro kugira ntibitosekare mu kwama twiyumvira ivyiza no kubikora.
IVYEREKANYWE
Habonetse inuma zera derere nyinshi ziriko ziraguruka zitambatamba mu gihugu cacu c’Uburundi, zigerageza kugwa ku mitwe no kubitugu vy’abantu. Hariho abantu bake bemeye yuko izo numa zibagwako n’abandi benshi bazihunga bakinyegeza n’abandi bagerageza kuzirukana. [Inuma zigereranywa na Mpemu w’Imana],
Hahishuwe ubgicanyi butegugwa n’abantu hamwe imvura irenze izohitana abantu n’ibintu ikazotuma hiyongera ubukene bg’ibifungugwa. Ivyo vyose ni mwabibona ntimuzoranduke imitima.
IMITWARO
1. Ihanga Ryera ry’Imana ryose ryifatanije n’abaKristo bose aho bari bazosengera igihugu c’Uburundi kugira ngo Uhoraho Imana Nyeninkomezi: ubugombe bgayo bube, ishitse isezerano.
2. Ihanga Ryera ry’Imana ryose rizosengera imboneza, uwo Uhoraho Yehova yirobanuriye kurongora Ihanga ryiwe n’abamufasha bose, abakuru b’ibicanoro vy’Ihanga Ryera n’abakozi b’Imana batandukanye.
3. Tuzosengera Impfuvyi n’abapfakazi, abapfunzwe n’impunzi, abagwaye n’abagendana ubumuga, abana bato n’abageze muzabukuru.
Umwami wacu Yesu Kristo abahezegire mwese, Amen!