
INYIFATO 10 UMURUNDI WESE YOGIRA MU BIHE BIGOYE
“Yewe mushibamyi ubona ijoro rigeze hehe? Bugira buce kandi bgongere bgire: ni mwagomba kubaza mubazemuhindukire muze.” [Zaburi 21:11-12]
Muri iyi myaka tumaze dusengera igihugu c’Uburundi n’imitwaro y’Abarundi, Uhoraho Imana yaratwihishuriye yuko yaduhaye isezerano ry’intahava twebge Ihanga ry’Abarundi. Yatugize Ihanga Ryera, inyegu yiwe asezerana kudukureko ivyago vy’intambara, amacakubiri, ubgicanyi, inzara, indwara n’ibibi vyishi maze igihugu igihugu gitemba amata n’ubuki, amahoro, umutekano n’iterambere ridasanzwe kugira ngo dushobore gutwara umuvyuro ikanguro mu mahanga. Mu bimenyetso Imana Nyen’ingabo yatanze harimwo yuko:
- Hazogwa imvura nyinshi irimwo imituragaro, imiravyo n’urubura;
- Hazotera inzuki nyinshi hirya no hino mu gihugu no mu mahanga zinumura abantu;
- Habonetse ijwi risemerera mu gihugu cose rivuga yuko Abarundi basesereje umutima w’Imana mu kuja barayerera mu bisagara vyo hanze ngo bariko bararondera amahoro;
- Iryo jwi nyene ryahamagarira Abarundi bose ngo bareke gutungana intoke ngo banaka nibo babi kandi bareke no gushorana mu makungu;
- Harerekanywe yuko Abarundi banse kwihana, umwicanyi azotumwa uwundi mw’icanyi;
- Harerekanywe yuko Abarundi banse kwumvira Imana ngo bahebe amacakubiri n’akarenganyo, abajejwe umutekano bazocanamwo basubiranemwo kandi n’abansi babo bazova hanze baze kubafasha kwicana habe imigwi itatu kandi bose yuko ataco bazoshikako;
- Harerekanywe kandi yuko hazozamwo n’indege zitagira abazitwara (abapilote) zizoza guhiga abantu zivuye mu bicu;
- Herekanywe impfu z’abantu bahambaye zizotuma Uburundi bginjira mu bihe bigoye;
- Muri ico gihe igihugu kizocura umwiza aho ivyuma vyo gutumatumanko amakuru bizohagarara ntushobore guhamagara canke kwakira ubutumwa, ata whatsapp, facebook na Youtube. Ivyo ni ibihe vyo kwegera Imana cane no gusumba ibindi bihe vyose.
Uhoraho Imana ntiyabihishuye kugirango itere ubgoba canke irandure imitima y’Abarundi ahubgo yibira akabanga abasavyi bayo kubera urukundo, imbabazi n’ubuntu bgayo kugira ngo ikize abantu, abayumvira bihane bayihindukirire kandi bagiro amahoro mbere banijandajandire mu bihe bigoye kuko yavuze yuko abayo izobaziguriza, ibakingire kugira ngo bazobone ivyiza yabateguriye.
Hariho abumvise izo mburi baca bashaka kuzigira ibigwanisho vy’iterabgoba, bazitumbereza mu vya politike bazisobekamwo n’ibinyoma vyinshi. Abandi nabo baciye bahaguruka kuziyamiriza, bagwanyana, bagatitura ivyo Imana yavuze kandi ataco bahawe n’ijuru. Abo bose bose batwaye ivyo Imana mu mubiri bavanga ivyo impwemu n’ivyo mu mubiri bituma abantu bazazanigwa. Turagomba yuko umuntu wese asuzuma umutima wiwe yihane, yezwe kugira ngo amenye yuko ari umuhigwe canke ari umutsindwa. Igipimo kiri muri [Matayo 5:1-10] Umwami n’umukiza wacu Yesu Kristo yarerekanye abahingwe abaribo mu bihe bigoye kandi n’umwanditsi Dawidi yarerekanye ibibereye vyigikundiro muri [Zaburi 133:1].
Ibihe bigoye vyaratanguye kandi uwufise amaso arabibona, umukristo wese arafise uko akwiriye kwifata mu bihe nkibi bigoye. Ibitubabaza, ingorane, kuzazanigwa, amagwara,…biri hose kw’isi kandi ayo ni amwe mu amajambo atanezereza mugabo dukoresha mu kwerekana ibihe vy’ubuzima bimwe bimwe ducamwo bikadukura mu munezero canke bikatwinjiza ahantu tutamenyereye kuba. Hashobora kuba ari mu mibano mibi, mu bukene bg’amafaranga ibifungugwa canke ibindi bintu dukenera, mu magwara, mu mutekano muke n’ibindi kandi ivyo vyose bigatuma dushobora kugira ukwihebura.
Igihe imipfunda y’ubuzima idusekuye, twovyifatamwo gute kugira ngo tugumane ivyizigiro, ukwizera no kumenye yuko ari ivyo igihe gito? Twonesha gute amageragezwa aza agomba gusenyura ukwizera kwacu? Na cane cane, twokura hehe inkomezi zo kuguma mu rugendo rw’umukristo wukuri? Inyishu.
Ni ugushimira Imana kuko yaduhaye ihishurigwa hamwe n’ubutumwa bgo muri Bibiliya budufasha kunesha ibigeragezo bidushikira mu buzima bgacu. Imana irazi yuko ari mu kunyura mu bigeragezo dushikira ukubona ubgiza bgayo ni naco gituma yaduhishuriye ivyo tugiye gucamwo iduha n’impamba yo guca mu mibabaro. Ngizo rero impfunguzo zo kunesha tukazosohoka nkabahizi mu bihe bigoye igihugu cacu n’isi igiye kunyuramwo:
Urupfunguzo rwa 1: Kwemera yuko ibigeragezo bisanzwe mu buzima.
Rimwe na rimwe, ikintu gitangaje mu mukristo ni ukubona atunguwe mu gihe ashikiwe n’ibimubabaza mu buzima. Akabona ingorane nk’ikintu kidasanzwe. Naho muvyo ukuri hari aho ingorane zishikira umuntu giturumbuka, dutegerezwa kumenya yuko ari ikintu gisanzwe kandi kizokwama gishikira abantu munsi y’izuba.
Intumwa Pawulo iratubgira iti: “Bakundwa, ntimwibaze ngo si ibisanzwe guca mu bibagerageza iyo bibashikiye” [1Petero 4:12]
Petero nawe yarazi neza yuko ibigeragezo bizoshikira abizera baba bavyiteguriye canke batavyiteguriye. Dutegerezwa kwama tuzi yuko ata muntu n’umwe atazoshikigwa n’ibimugerageza.
Na Yesu Kristo ubgiwe yarageragejwe arababazwa gushika naho ashika ku rupfu rubabaje kandi ruteye isoni ku buryo ata mwana w’umuntu yari yotahuye. Yesu yavuze ati: “Mwibuke ijambo nababariye, umushumba ntaruta shebuja, niba barampamye namwe muzohamwa.” [Yohana 15:20]
Iyo rero twama twiteguriye ibigeragezo mu buzima bgacu tukabibona yuko bisanzwe, usanga niyo haje ibiteye agahinda tubirinda.
Urupfunguzo rwa 2: Kumenya y’uko ibintu vyose bituzanira ivyiza.
Dutegerezwa kwama twibuka yuko ibidushikira vyose bituzanira inyungu, tukagira ivyizigiro bishitse yuko Uhoraho Imana yacu atubona, yuko yiteguriye kudutabara kandi yuko atakimunanira, ashoboye vyose.
[Abaroma 8:28] hatubgira yuko tuzi ko ibintu vyose bikoranira kuzana ineza y’abubaha Imana, kubahamagawe kubgo umugambi wayo. Uri mu mugambi w’Imana rero ntaco gutirimutsa.
Zirikana rero yuko mugihe dukunda Imana “GUKUNDA IMANA” bisigura yuko tuba turi mu mugambi w’Imana wo gucungura abantu, bigatuma tugira ivyizigiro no kurema mu mitima yacu yuko kandi ivyo tubona vyose biba ku neza yacu. Naho twoba tudatahura neza igituma tubabazwa, dushobora kugira umunezero kubgo ico ciyumviro cuko umwanya n’umwanya ibintu vyose bishbora kuja mu buryo. Duca dushobora gushika ahantu ibintu vyose bitahurika mu buzima bgacu bg’ubu no mu buzoza.
Urupfunguzo rugira 3: Turashobora kurinda kandi tukanesha ibigeragezo vyose.
Ntimuzi yuko Uhoraho Imana atazorekura ibigeragezo tudashobora kwihanganira? Turasoma yuko: “Ata kigeragezo cabashikiye uretse igisanzwe ku mwana w’umutu; Imana ni iyo kwizigigwa, ntizokwemerera ibabagerageza birengeye inkomezi zanyu kuko izobacira icanzo kugira ngo muneshe” [1Abikorinto 10:13]
Watahuye ico uyu murongo uhishura? Imana iriko iratubgira yuko izorekura ibigaragezo dushobora kurinda vyonyene. Ntihagire rero uwurandugwa umutima n’amajambo y’iterabgoba ry’abavugishwa batandukanye canke ibimenyetso tubona n’ivyo twumva hirya no hino.
Kubwivyo rero, igihe uzibaza yuko ikigeragezo cawe kiremereye cane aho niho umenyera yuko Imana ikwemera yuko uhambaye nawe kuko ikurekurirako ibingana n’ukwizera kwawe. Ibuka ivyashikiye Yobu. Wame utanga amashimwe kuko Imana ikweretse yuko ufise inkomezi zikwiriye zo kurinda ingorane nkizo. Wame uzirikana y’uko Uhoraho azogucira icanzo co kunesha
Ubu rero niwumva ibivugwa gusa ukaranduka umutima wumva uzoba icabona c’ibitangaza vy’Imana vyo kugushikana mw’isezerano gute? Ubo uzomenya ingene Imana ihindura ubusa ibigoye gute? Ubona uzotahura inzira Imana ikugwanira mu ntambara zawe gute? Kubg’ivyo, shikama, ushire amanga kandi ugire ukwihangana kuko Uhoraho Imana Nyen’ubushobozi azogucira inzira yo kunesha ibigeragezo vyose.
Urupfunguzo rugira 4: Harura vyose nk’umunezero
Mu bihe vy’ibigeragezo, umuntu asanzwe aca agira ukwiganyira, ukwihebura, uguhahamuka, ukwicurikira, kugira umubabaro n’agahinda. Ariko ukwo siko Uhoraho Imana agomba yuko abantu bifata mu ngorane zibashikira mu buzima. Dutegerezwa kugira imitima ikora ibidahuye n’uko abantu binyama n’amaraso gusa bameze.
Mu bihe bigoye dutegerezwa kubinezereregwa navyo kuko ari nayo nzira yo gukomezwa no gutabagwa. Vyumvikana umengo ntibihuye, ariko niko dutegerezwa kubigenza kuko dusoma ngo: “Bavukanyi, ni mwagwa mu bibagerageza bitari imwe ,mwiyumvire yuko arivyo kunezereregwa rwose” [Yakobo 1:2]
“Abo nkunda, umuriro uri hagati yanyu wo kubagerageza ntukabatangaze nkuko mubonye akatarabonetse. Ariko munezereregwe n’uko mufatanije imibabaro na Kristo, kugira ngo no mu gihe co guhishugwa kw’ubgiza bgiwe muze munezeregwe muhimbawe.” [1 Petero 4:12-13]
Muzirikane yuko tudategerezwa kunezegwa gusa ahubgo yuko dutegerezwa kumwenyura kandi tukanezegwa cane kugira ngo twuzuzwe umunezero, imihezagiro n’ivyishimo kuko tugiye kwambukira mu bihe vyiza naho twoba tukiri mu minsi mibi.
Urupfunguzo rugira 5: Gukura inyigisho mu mageragezwa.
Kimwe mu bintu bituma Imana ireka imibabaro ikadushikako ni ukugira ngo twigishwe mu buzima. Igihe cose duhuye n’ingorane, aho kubaza Imana ngo “kubera iki jewe ga Mana?” dukwiriye ahubgo kwibaza tuti:” Ni iyihe nyigisho dukwiriye gukura muri iki kigeragezo? Gushobora gutwara ubgenge bgacu muri iyo nzira bituma twiyumvira mu buryo bidufasha kunesha. Ni mugihe turondera kumenya inyigisho duhabga n’imibabaro duca dutahura akamaro ko kubabazwa. Nti tubabarira ubusa. Tubabazwa kuko hariho impera.
Nkuko twabibonye ibigeragezo bituma ukwizera kwacu gukomezwa kandi tukaharonkera ukwihangana. [Yakobo 1:2-3]
Burya iyo umukristo adaciye mu bigeragezo, ukwizera kwiwe kuba magonyagi kandi ntashobora kunesha canke ngo afashe abandi. Iyo ukwizera kwawe kudaciye mu bigeragezo umenye neza yuko hariho ibitagenda neza kuko uba utaranakuzwa mu kwizera. [1 Petero 1:6-7]
N’uko rero, ni ukwamana ivyizigiro mu bibazo no mu ngorane tukaraba ico bitwigisha mu buzima bgacu, kuko haraho Imana iba iriko iratwigishiriza muri izo ngorane, iduhingura. Hari naho haba hari ivyaha tuba twararekeye muri twebge Imana ikaba iriko iratubgira kuvyiyambura. Muvyo gushikira vyose ni ukumenya harimwo inyigisho.
Urupfunguzo rugira 6: Gusukura imigenderanire n’Imana
Ibigeragezo bitegerezwa kutwegereza Imana Nyen’ingabo. Igihe turiko turaca mu mwonga w’igitutu c’urupfu, ntitukagire ikibi dutinya. Kubera iki? Kubera yuko Imana iri kumwe natwe. [Zaburi 23: 4] Igihe twegereye Imana tuba twegereye isoko yo kwirugwa no guhozwa amarira.
“Uhoraho aba hafi y’abafise imitima imenetse, kand’akiza abafise imitima ijanjaguritse. Amarushwa y’umugororotsi ni menshi, ariko Uhoraho ayamukiza yose. Azozigama amagufa yiwe yose nta na rimwe rizovunika.” [Zaburi 34:18-20]
Aho guhunga Imana mu gihe ushikiwe n’ibigeragezo, dutegerezwa nyabuna guhungira mu Mana. Aho kwiyumvira yuko ibindi bintu vyodukiza canke bikagabanya imibabaro nk’ibinyobga: inzoga, itabi: urumogi n’ibindi ibiyovyabgenge, ivyo bitujana mu rupfu nti bitujana mu bugingo.
Mu gihe dufise ukwiganyira kubera ibigeragezo, Umwami wacu Yesu Kristo aduhanura ati “Ni muze kuri jewe abarushe n’abaremerewe ndabaruhura… [Matayo 11:28-30]
Igihe wegereye Imana, nta kigeragezo kiza kigusumvya inkomezi kuko uba utari wenyene. Uba uri mu maboko y’Imana igukunda.
Urupfunguzo rugira 7: Guhanga amaso ijuru, ubgami bg’Imana.
Iy’si turimwo itegekwa na Satani [2 Abikorinto 4:4] dutegerezwa kuzirikana yuko isi yose yasutswe na satani. [Ivyahishuriwe Yohana 12:9] None rero ntitwotangazwa n’uko isi yuzuyemwo umubabaro, inzara, indwara, urupfu n’ububisha.
Igihe turi mu mibabaro, dutegerezwa kumenya yuko ibihe biha ibindi tukibgira duti: “N’ibi bizorengana”. Kuko tuba tuzi yuko hariho igihe Imana ica iseruka igatunganiriza abantu bayo mu gihugu cacu, nkuko no mu gihe kiza Imana izorungika umwana wayo akagaruka kw’isi atari nk’umwana mugabo ari Umwami aje kwima ingoma.
Naho twobabazwa n’ibiriko biradushikira muri ako kanya, ntaco bivuze tugereranije n’amahoro, iterambere n’umunezero tubikiwe igihe tuzoba turi mu butware bg’Imana. Kubera ico, umunezero wo kuba mu bgiza bg’Imana urengeye uko umuntu yogerageza kuwutahura.
Twiyumviriye ivyo tubikiwe, tubibona muri [1 Abikorinto 2:9] yuko ari “ivyo ijisho ritigeze kubona, ivyo ugutwi kutigeze kwumva n’ivyo umutima w’umuntu utarigera utahura. Ivyo nivyo Imana yabikiye abayikunda.”
Dushize ubgenge n’umutima wacu kuvyo Uhoraho Imana itubikiye, ntidushobora guta ivyizigiro ngo twihebure. Naho mu buzima twoshikigwa n’ibimeze gute ibidushikira muri ico gihe ntidushobora kubiha agaciro kanini kubgo ubgiza tubikiwe. [ Abaroma 8:18]
Urupfunguzo rugia 8: Rondera impanuro ku Mana Nzima
Ingorane ziriho kugira ngo tuzitorere umuti. Naho biri uko, ntibisigura yuko dutegerezwa kuzitega canke kuzisukamwo ngo tuzitorere umuti twebge ubgacu. Iyo ibigeragezo bivyutse, ni vyiza yuko twegera abanyempwemu n’abanyengabire b’abakozi b’Imana kugira ngo tuzifashanye. Ni ukwegera abungere, abigisha, abavugishwa canke aba kera. Tubishoboye twonafata umwanya wo gusenga tubaza Imana ico dukwiriye gukora.
Dusoma mu [Imigani 11:14] yuko ababuze abarongora b’ubgenge abantu barahenebera, ariko mu nama ya benshi habonekamwo amahoro. Ntaco rero umuntu aba, iyo asavye impanuro abandi ahubgo biramukiza. Muri ico gihe umuryango, abagenzi, abungere wizigiye bashobora kuguha impanuro nziza zijanye n’ibihe murimwo.
Urupfunguzo rugira 9: Wame usoma Ijambo ry’Imana, Bibiliya.
Bibiliya yuzuyemwo amajambo y’ugenge yo kugenderako mu bihe bigoye kugirango ubeho unesha. Ijambo ry’Imana niryo soko ry’ubgenge ritanga kunesha mu ntambara, ibigeragezo n’ingrane zitandukanye. Niba hari ikibanza ushobora gusangamwo inyishu y’ingorane zawe, ni muri Bibiliya Yera.
Dusoma muri [2Timoteyo 3:16-17] yuko ivyanditse vyera vyatanzwe vyahumetswe n’Imana kandi yuko bitugirira akamaro bikaduhanura, bikatwigisha, bikadutunganya, bikadutoza indero nziza mu kugororoka kugira ngo umuntu w’Imana abe ushitse, afise ibimukwiriye vyose ngo akore igikogwa ciza cose.
Hejuru y’impanuro nziza zironkeka muri Bibiliya, harimwo amajambo n’ibisomwa bihumuriza umutima vyinshi yirura imitima ya benshi.
Urupfunguzo rugira 10: Senga Imana.
Ugusenga gufise ubushobozi. Ni iteka ntangere umwana w’umuntu yatewe ryo gushobora gusenga, akavugana n’umuremyi w’isi n’ijuru n’ibirimwo vyose. Mu gusenga ntidutegerezwa kubanza gusaba umubonano n’ijuru, ico dukeneye gusa ni ukwugurura imitima yacu tukamubgira ikiri mu mutima kuko Imana tuyihamagaye ica idutega amatwi.
Mu bihe vy’intambara, mu bihe bigoye, mu bihe vy’amageragezwa turakenera kuyaga n’Imana kugira ngo tuyisabe ugutabagwa. Ni muri ico gihe dukenera kugiranira imigenderanire myiza kandi ikomeye n’Imana yacu. Yama yiteguriye kudutabara iyo tuyitakambiye. Naho ingorane ziza zingana gute ntiziruta ububasha bg’Imana. Dutegerezwa gukurikiza ubugombe bgayo gusa.
Turasanga muri [1Yohana 5:14] ubushizi bgubgoba dufise mu kwizera Mana, n’uko iyo dusavye ikintu cose gihwanye n’ico igomba itwumva, ikakiduha.
N’uko rero nkuko dusenga dushobora “Kwegera intebe y’Imana y’ubuntu n’imbabazi dushize ubgoba kugira ngo turonke ikigongwe, tubone n’ubuntu bgo kudutabara no mugihe kigoye.” [Abaheburayo 4:16]
Gusozera.
Mu gusozera twobatera intege yuko ni mwabona ivyo Uhoraho Imana yaburiye Abarundi biriko birashika, ntimuranduke imitima ngo mutangure kwiganyira, ahubgo ni mutangure gushima no kunezegwa kuko ugutabagwa kwanyu gushitse. Twabaciriye kumayange ibikurubikuru mu mburi, kandi twabahe n’impfunguruzo 10 duhabga na Bibiliya kugira ngo tugumye imitima mu nda muri ivyo bihe. Mugihe gutekana mu bihe vy’amagume atari ikintu coroshe, umuntu wese akwiriye kwibuka izo ngingo 10 akazishira mu ngiro kandi nta nkeka uwariwe wese ashobora kunesha.
Hariho abantu benshi baza bamaze kwinjira mu bihe bigoye kandi akari inyuma karahinda. Hagiye kuza n’ibindi biteye ubgoba kurusha kuko satani ntiyicaye. Mwomenya yuko kandi n’Uhoraho Imana, umuremyi wacu nawe nyene iticaye. Araje kandi yihuta gutabara ihanga ryiwe yacungije amaraso y’igiciro.
Ikintu gikuru umuntu wese yozirikana n’uko atawifasha ingorane, abantu bari hafi na hafi bakwiriye kuja hamwe bagasenga, bagasoma Ijambo ry’Imana, bakaganira, bakitungyanya bakezwa bagahamagara Imana nayo ikabarongora. Imana ubgayo niyo yavuze ngo: “Sinzobasiga nkimpfuvyi kandi sinzobatererana” [Abaheburayo 13:7]