Simbagiye Pierre ari mubo Uhoraho Imana yitoranirije ngo batware Ikanguro mu gihugu c’Uburundi no kw’isi yose

Umutama Simbagiye Pierre ari mu bakera b’Ihanga Ryera ry’Imana- Ishengero rya Yesu Kristo, inyegu y’Imana bariko barakora imirimo ya Data kuva mu myaka ya 90 ngaha mugihugu c’Uburundi.

Uyu mutama ni inararibonye muri uru rugendo ruja mw’ijuru kandi yaragiriwe ubuntu bgo kwerekwa ivyerekeye Isezerano Uhoraho yahaye igihugu c’Uburundi kandi yarashoboye gushinga ibicaniro vyinshi mu gihugu no mu mahanga vyose bikukira Ihanga Ryera ry’Imana. Muri uyo mugambi wo kuvuga ubutumwa bgiza yarahuye n’abantu benshi bakorera mu buzimire harimwo n’abo mwumva barongogwa n’amarangamutima yabo bakiyimika.

Simbagiye Pierre ni umukozi w’Imana abushitse, incabgege kandi yuzuye Mpwemu w’Imana.