Mu Rugendo Rugana Uburundi bg’Isezerano: Ntaco mutinya murabe agakiza Uhoraho abazaniye 2020.

Igitabo Urugendo Rugana Uburundi bg’Isezerano

“Mose yishura abantu, ati Nta co mutinya: mwihagararire gusa, murabe agakiza Uhoraho agira ngw abazanire uyu musi: kukw Abanyegiputa mubonye uyu musi mutazokwongera kubabona ukundi. Uhoraho ni we agira ngw abarwanire, namwe ni mwinumire gusa. Uhoraho abaza Mose, ati N’iki gitumye untakira? Barira Abisirayeli bakomeze bagende. Nawe umanike inkoni yawe, uramvure ukuboko hejuru y’ikiyaga, ugitandukanye: Abisirayeli bace hagati mu kiyaga nko ku musozi. Nanje raba, ndakomantaza imitima y’Abanyegiputa, na bo bahace, babakurikire; maze mbone kwihesha icubahiro kuri Farawo no ku ngabo ziwe zose, no ku mikogote yiwe, no ku bagendera ku mafarasi biwe. Abanyegiputa ni ho bazomenya yuko nd’ Uhoraho, ni namara kwihesha icubahiro kuri Farawo no ku mikogote yiwe, no ku bagendera ku mafarasi biwe.”
Kuvayo 14:13-18