Ku mbuga ngurukana bumenyi zitandukanye hirigwa haracako inyigisho z’abavugabutumwa batandukanye, zimwe z’ukuri n’izindi z’urusobane, ariko abana n’Isumbavyose bo mugume kuco mwakiriye, kandi musabe na Mpwemu w’ubgenge.
Kuri izo mbuga nyene hirigwa hararengana amakuru y’intambara n’aya politike atandukanye kandi adahumuriza. Ariko mweho mwamaze kwakira Yesu Kristo nk’Umwani n’umukiza wanyu, mushikame mushire amanga kuko muri vyose Imana yanyu izobazigama.