Mwiyubare:Inzara iraje kandi n’ibiza ntibisigara inyuma aho abantu benshi bazicuza igituma bavutse.

Nkuko twabibabgiye bivuye kubicaniro vy’amasengesho, Abarundi bagiye guca mu bihe bigoye vy’inzara, ingwara z’ivyaduka mbere n’ubgicanyi kubera ibihe ijihugu cinjiyemwo. Mu buryo bg’ubgenge naho nyene uwariwe wese arashobora kubibona kubera imvura yari yarahanuwe yaguye mice bitandukanye vy’igihugu, ikica abantu, igatwara imirima n’amazu.

Turongeye kandi gusaba Abarundi bose n’abanyamahanga b’abanyi b’Ihanga Ryera ry’Imana, gukizwa, gutunganya ingeso no kwezwa kugira ngo bifatanye n’Ishengero rya Yesu Kristo; gutyo bakaba binjiye mw’ihema aribgo bgugamwo aho ivyago bitazobashikira.