UBURUNDI SI ISIRAYELI YA KABIRI NI IHANGA RYATORANIJWE UKWARYO HINDURA IMVUGO

UBURUNDI SI ISIRAYELI YA KABIRI. ABARUNDI NI IHANGA RY’IMANA

Abantu benshi baribaza igituma abavugishwa bamwe b’Abarundi bakoresha ijambo ngo “Uburundi ni isirayeli ya kabiri”. Uburundi si Isiarayeli ya kabiri, oya sivyo. Kuvuga yuko Uburundi ari Isirayeli ya kabiri ni imvugo ngereranyo atariyo naho baba bagomba kuvuga yuko Ihanga ry’Abarundi ryatoranijwe nkuko Ihanga rya Isirayeli ryarobanuwe.
1. Nta gihugu kw’isi citiranwa n’ikindi. N’iyo igihugu cigabuyemwo kabiri bavuga icepfo n’ica ruguru akarorero bati Sudani Yepfo na Sudani ya ruguru canke Koreya Yepfo na Koreya ya Ruguru.
2. Uhoraho Imana amaze kurobanura ubgoko bg’Abayuda ngo abagire Ihanga rikomeye, yabuhaye ivyagezwe ngo bibabere inzira yo kugororoka. Ariko amahanga Imana yakunze mw’isezerano risha, yabahaye Ukwizera Yesu Kristo, ukwihana ivyaha, kubatizwa no kwuzuzwa Mpwemu Yera ngo abe urufatiro rwo gukizwa.
3. Ubgoko bg’Abayuda batsimbataye mu igihugu c’isezerano cabo ciswe Isirayeli kuwa 14 Rusama 1948 mu gihe Ihanga ry’Abarundi bari mu gihugu cabo bafise n’umwami Ntare wa I hagato y’imyaka ya 1675 na 1680.
4. Imana yahaye ubgoko bg’Abayuda isezerano mu mwaka wa 2076 imbere yuko Yesu Kristo avuka aho Imana yasezerana na Aburahamu [Itanguriro 17:3-5, Kuvayo 6:6-8]. Abarundi bamenye yuko batoranijwe mu mwaka wa 1935 biciye mu buvugishwa bg’abakozi b’Imana bavuye mu gihugu ca Suwedi babariwe yuko Abarundi ari Ihanga ryatoranijwe n’Imana baca bibuka ubuhanuzi bgo muri [Yesaya 19:16-25] bganditswe muri 740 imbere yuko Yesu Kristo avuka.
Ntamvo n’imwe ihari yo kwita Uburundi Isirayeli ya kabiri naho bgoba bgatoranijwe nkuko na Isirayeli yatoranijwe. Si ihisurigwa kwita Uburundi Isirayeli ya kabiri ni ukutamenya no guhuba. Uwahuvye yihubure. Umwami Yesu Abahezagire!