IMVO (7) INDWI ZITUMA UTOKWITA UBURUNDI ISIRAYELI YA KABIRI (2)

IMVO INDWI (7) ZITUMA UTOKWITA UBURUNDI ISIRAYELI YA KABIRI

Abantu benshi baribaza igituma abavugishwa b’Abarundi bamwe bamwe bakoresha ijambo ngo “Uburundi ni isirayeli ya kabiri”. Iryo jambo barigize icivugo, abandi barigira izina rihambaye ry’ikigwanisho maze bakaguma barisubiramwo eka n’indirimbo ziraririmbga. Uburundi si Isiarayeli ya kabiri, sivyo. Kuvuga yuko Uburundi ari Isirayeli ya kabiri ni imvugo ngereranyo atariyo naho baba bagomba kuvuga yuko Ihanga ry’Abarundi ryatoranijwe nkuko Ihanga rya Isirayeli ryarobanuwe.
Iyo ubgiye abantu yuko Uburundi atari Isirayeli ya kabiri hariho abadatahura ico bisigura bakihutira kuvuga ngo uba uriko uravuguruza Imana. Imana ntiyigeze ivuga yuko Uburundi ari Isirayeli ya Kabiri, ahubgo yavuze yuko yatoranije Ihanga ry’Abarundi nkuko yatoranije Ihanga rya Isirayeli. Imvo zikurikira zirerekana yuko Uburundi atari kandi budashobora kuba Isirayeli ya kabiri mugabo yuko Abarundi ari Ihanga ryatoranijwe n’Imana.
1. Nta gihugu kw’isi citiranwa n’ikindi. N’iyo igihugu cigabuyemwo kabiri bavuga icepfo n’ica ruguru akarorero bati Sudani Yepfo na Sudani ya ruguru canke Koreya Yepfo na Koreya ya Ruguru.
2. Imana ntiyatoranije igihugu c’Uburundi, yatoranije Ihanga ry’Abarundi. ntirobanura igihugu canke ubitaka ngo ibgite izina, irobanura abantu ikabita Ihanga maze ikabasezeranira igihugu. Kandi no mukubarobanura, itoranya umuntu ikamuha isezerano rijana no kumuhindurira izina. Nuko yise Yakobo isirayeli [Itanguriro 35:10]
3. Ihanga ry’Imana mu Burundi ntibashobora kurongogwa n’ivyagezwe icumi. Uhoraho Imana amaze kurobanura ubgoko bg’Abayuda ngo abagire Ihanga rikomeye, yabuhaye ivyagezwe ngo bibabere inzira yo kugororoka. [Abalewi 27:43] Ariko amahanga Imana yakunze mw’isezerano risha, yabahaye Ukwizera Yesu Kristo, ukwihana ivyaha, kubatizwa no kwuzuzwa Mpwemu Yera ngo abe urufatiro rwo gukizwa. [Ivyakozwen’Intumwa 2:38, Yohana 3:16, 1 Yohana 1:9]
4. Igihugu ca Isirayeli nticogereranwa n’igihugu c’Uburundi kuko ntanahamwe ivyo bihugu bihuriye, uretseko ayo mahanga uko ari abiri, Abayuda n’Abarundi, rimwe ryose rifise isezerano n’Imana. Ubgoko bg’Abayuda batsimbataye mu igihugu cabo c’isezerano citwa Kanani, ciswe Isirayeli kuwa 14 Rusama 1948 mu gihe Ihanga ry’Abarundi bari mu gihugu cabo bafise n’umwami Ntare wa I hagato y’imyaka ya 1675 na 1680 ni ukuvuga ibinjana bitatu imbere yabo.
5. Imana yahaye ubgoko bg’Abayuda isezerano mu mwaka wa 2076 imbere yuko Yesu Kristo avuka aho Imana yasezerana na Aburahamu [Itanguriro 17:3-5, Kuvayo 6:6-8]. Abarundi bamenye yuko batoranijwe mu mwaka wa 1935 biciye mu buvugishwa bg’abakozi b’Imana bavuye mu gihugu ca Suwedi babariwe yuko Abarundi ari Ihanga ryatoranijwe n’Imana baca bibuka ubuhanuzi bgo muri [Yesaya 19:16-25] bganditswe muri 740 imbere yuko Yesu Kristo avuka.
6. Uburundi si Isirayeli ya kabiri, ahubgo Abarundi ni Ihanga ryatoranijwe nko n;Abisirayeli batoranijwe nabo. Mu buvugishwa, Imana ivuze yuko igukunda nk’umwana wayo ntuca wiyita Yesu Kristo wa Kabiri. Canke abavugishwa bavuze yuko Imana ikugereranije na Aburahamu, Mose, Yoshuwa, Esiteri, Rusi, Abigayili, Kuro, Pawulo, Petero n’ayandi mazina afise ico asigura muri Bibiliya, ntuca wivuga ngo ndi naka wa 2 kuko ni imvugo ngereranyo.
7. Si uguhishurigwa kandi si ukuri kwita Uburundi Isirayeli ya Kabiri. Sivyo imbeshere yuko Uhoraho Imana iha izina ry’ibango umuntu canke abantu kandi ikabahindurira izina kandi igihezagira isi ibahaye, mugabo si isi iba yaratoranijwe ni abo bantu baba kuri iyo si canke igihugu. Ntamvo n’imwe ihari yo kwita Uburundi Isirayeli ya kabiri naho bgoba bucumbikiye abatoranijwe. Si ihisurigwa kwita Uburundi Isirayeli ya kabiri ni ukutamenya no guhuba.
Turi Ihanga ry’Abarundi ryatoranijwe n’Imana nti turi isirayeli ba Kariri. Mpwemu w’Imana abatahuze gusumba ibikurikira no kumenya yuko Abarundi ari Ihanga ryatoranijwe.