Mu Burundi haravugwa cane ubwicanyi bg’abantu bahana ishano

Colonel Paul Mirerekano alias Muheto Fidèle benshi bazi ko yakoze kuri Radio yo mukibira.

Ngaha mu gihugu cacu c’UBurundi, haravugwa abana, abakenyezi n’abagabo bicwa bahawe uburozi mu binyobga canke mu biribga. Naho ata buhinga bugezweko bgo gupima icaraye gihitanye ubuzima bga Muheto Fideli, benshi baravuga yuko bamuhaye ishano. Yafashwe kuwa hatanu bukeye aca arahwerera mu bitaro.

Tumaze iminsi twumva kandi tukanivuganira n’abarusimvye aho bashoboye kuvugwa bakarutswa maze bakarusimba. Amakomine yose yo hagati mu gihugu no mu gisagara ca Bujumbura harimwo abarozi bamaze abantu babaha ibihano. Mukurindira yuko hagira ico Imana yikoreye mu guhindura imidima y’Abarundi:

– Ni mwibange ivyo munwa n’ivyo nurya.

– Ni mukunde bose mugabo mwizere bake.

– Ni mwige kugira muti oya si mfungura canke si nywa igihe atari ivyo mwiteguriye.

– Ni mugire abaganga mwizigiye muhora mwipimishako kandi bakurikirana amagara yanyu.

Ni igikogwa c’abarundi bose gusengera igihugu no gutuza ubgo bukozi bg’ikibi.