
AMASEZERANO IMANA YAHAYE ABARUNDI
URUTONDE RW’AMASENGESHO Y’IMINSI 10, KUVA KUWA 17/2 GUSHIKA KUWA 27/2/2020. ABIZERA ICO UHORAHO IMANA YAVUZE BOSE BASENGA IMANA BAZIBUTSA KANDI BINGINGE NGO ISHITSE AMASEZERANO KU GIHUGU C’UBURUNDI.
URUFATIRO
- Musengere muri Mpwemu ibihe vyose, mu buryo bgose, bgo gusenga no kwinginga, kand’ivyo mu bibere maso, mukobrje rwose, musengera abera bose. [Abayefeso 6:18]
- Maze abantu banje bitirirwa izina ryanje nibicisha bugufi bagasenga barondera mu nyonga hanje, bagahindukira bakareka ingeso zabo mbi, n’uko nanje nzokwumva ndi mwijuru, mparire ivyaha vyabo, nkize n’igihugu cabo. [2 Ingoma 7:14]
- Kandi ubgo nibgo bushizi bg’ubgoba dufise kuri yo, n’uko iyo dusavye ikintu cose gihwanye n’ukwigomba, itwumva [1Yohana 5:14]
- Musenge mudasiba [1Abitesaloniki 5:17]
AMASEZERANO TUZOSENGA TWIBUTSA IMANA
- Uhoraho Imana yasezeraniye Abarundi yuko azobarobanurira umukuru w’igihugu atinya Imana, ayubaha kandi yuzuye Mpwemu Yera, akaba ariwe azorongora Uburundi ahesha Imana icubahiro kandi akazobera umugisha Abarundi bose n’abanyamahanga. Ni ukwinginga Imana ivyo abantu batoranya bisendwe maze icubahiro c’Imana kigaragare. Imana ishitse iryo sezerano. Ni naho hari urupfunguzo rw’umugisha n’ayandi masezerano ku Burundi.
- Imana yasezeranye yuko ubutaka bg’Uburundi buzovumugwa, isi ndimwa yimbuke maze inzara ntisubire kuvugwa mu gihugu cacu, yavuze yuko hazoboneka ubutare n’ubundi butunzi buri mu mw’isi bizotuma Abarundi bose babaho neza kandi mu buryo bwa kijambere. Uyu munsi siko bimeze. Ni ugusenga twibutsa Imana iryo sezerano kuko abantu benshi bari mu kigoyi kandi ubukene n’indwara biragisibije.
- Uhoraho Imana yasezeranye yuko urwanko n’amacakubiri y’amoko, imiryango, intara, imigambwe n’amadini bizozimangana Abarundi bakabaho mu mahoro, urukundo, kwubahana no gutinya Imana kandi yuko impunzi zose zizotaha mu gihugu cabo zinezerewe. Ni ukwibutsa Uhoraho Imana iryo sezerano kuko uyu munsi Abarundi bararushe impunzi ni nyinshi kandi nta mahoro ahari mu bantu no mu mashengero. Ubgicanyi n’urwanko ni vyinshi. Imana itabare.
- Uhoraho Imana yasezeraniye ihanga ry’Abarundi yuko yabatoranije ngo bamubere Ihanga Ryera akunda kandi abakundwakaze nabo bamukorere. Ni ugusenga Imana kugira ngo ishitse iryo sezerano ku buryo buboneka kugira ngo rigaragare mu gishugu no mu mahanga.
- Uhoraho Imana y’Ubushobozi yasezeraniye abarundi yuko azotobora iriba ry’agakiza, Umuvyuro n’Ikanguro kandi yuko n’abanyamahanga bazorinywako. Ni ugusenga ngo Imana ishitse iryo sezerano.
- Uhoraho Imana yasezeranye yuko imbibe z’igihugu c’Uburundi zizaguka kubera agakiza n’ikanguro, mu mibano myiza, mu ntwaro nziza, ubutunzi bginshi, iterambere n’ubugwaneza bw’ihanga ry’Abarundi. Dusenga Uhoraho Imana ashitse ico yasezeranye.
- Imana yavuze yuko Igihugu c’Uburundi kizotera imbere, ifaranga rigire agaciro, Abarundi bose bakabeho neza mbere n’abanyamahanga bipfuze kuza kwibera iBurundi. Yuko mu Burundi hazoba amabarabara ya kijambere atazosubira kwiha inkumbi, yuko amagorofa maremare azubakwa abarundi bakaba ahantu heza, amagari yo kundarayi, indege mu kirere; yuko n’ibitaro n’abaganga vya kijambere bizoba mu gihugu abantu bavuye mu mahanga bakaza kwivuriza mu Burundi. Dusenge Imana yugurure imigisha ku gihugu cacu.
- Uhoraho Imana Isumba Vyose yavuze yuko azosuka Mpwemu y’ubwenge ubumenyi n’ibitanganza mw’Ihanga ry’Abarundi ku buryo n’amahanga azotangazwa n’ibiriko birabera mu gihugu cacu. Dusenge Uhoraho Imana ishitse iryo sezerano yugurure amaso yacu kandi iduhe ivyo yasezeranye.
- Imana yasezeranye yuko Ikirundi ruzoba ururimi ruteye imbere, ururimi rw’Ihanga Imana yitoranirije, ururimi ruzohabwa agaciro, rugakomere, rurukanamenyekane kw’isi yose, n’abanyamahanga baziga kuruvuga. Dusengere iryo sezerano Imana iduhe abo izikoresha ivyo vyisza yasezeranye.
- Uhoraho Imana yasezeranye yuko Abarundi aribo bazotwara umuvyuro n’ikanguro mu gihugu cabo cose no mu mpande zine z’isi. Imana vy’ukuri yarakunze Ihanga ryacu na cane cane uru runganwe gwacu. Tuyisenge tuyinginga ngo ishitse ivyo yasezeranye.
Ihanga Ryera ry’Imana ni Ishengero rya Yesu Kristo, mu gihugu cacu c’Uburundi ryitwa: ISHENGERO RYA YESU KRISTO – IHANGA RY’IMANA. Rifise ibicaniro n’amashengero mu ntara zose z’igihugu c’Uburundi no mu bindi bihugu vya Afrika, Canada, Amerika, Australia, Ubulaya na Aziya. Ihanga ry’Imana rimaze imyaka myishi atakindi rikora atari ugusengera amasezerano Uhoraho Imana yahaye igihugu c’Uburundi, gusengera imitwaro itandukanye, kwigisha ubutumwa bgiza bga Yesu Kristo no kuramura abanyengabire batandukanye. Umuntu wese aba ari mw’Isengero rya Yesu Kristo – Ihanga ry’Imana, iyo:
- Yizeye Yesu Kristo kuba Umwami n’Umukiza wiwe;
- Yihanye ivyaha vyiwe vyose
- Yabatijwe yibijwe muri yorodani mw’izina rya Yesu Kristo;
- Yasengewe ngo yuzuzwe Mpwemu Yera;
- Yigishijwe gukorera Imana mu kugororoka no kujana ubutumwa bgiza.
Mwese murahawe kaze kwifatanya n’Ihanga ry’Imana muri aya masengesho.
Tuzoguma dusengera kandi n’iyindi mitwaro irimwo:
– Dukurikije urutonde rw’amasengesho twahawe n’ijuru, umwanya ku mwanya tuzosenga ngo ubugombe bg’Imana bube ku gihugu cacu c’Uburundi.
– Tuzosengera umurongozi Imana yashize imbere mw’Ihanga ryayo, abo bakorana bose bari mu gihugu no kumpande zine z’isi, abakuru b’ibicaniro, abakozi b’Imana bose hamwe n’Ihanga Ryera ryose.
-Tuzosengera abari mu buzimire bg’amadini canke inyigisho z’uruvange kugira ngo ab’Imana ibihishurire, abanyavyaha bihane n’abagerereye kure y’Imana bagaruke ku gakiza kugira ngo bose binjire begere umusaraba kandi baramirize mu rugendo ruja mw’ijuru.
– Tuzosengera impfuvyi, abapfakazi, abageze muzabukuru, abapfunzwe, abahunze, abagendana ubumuga, abagwaye, abashonje, abatagira aho baba, abari mu mutekano muke, n’iyindi mitwaro itandukanye.
Umwami wacu Yesu Kristo yumve ugutakamba kwanyu.