Umushingamateka Fabien Banciryanino ivyo yashikirije vyavuganzwe cane

Umushingamateka Fabien Banciryanino yarashikirije ivyiyumviro vyiwe bamwe bavuze yuko ari imvugakuri, abandi bakavuga yuko yubahuka kandi arinda. Mbere hariho n’abavuga yuko bomukurako ubudahangangwa kugira ngo ahanigwe ivyo yavuze.

Mu majambo yiwe nta muntu n’umwe yatutse kandi nta n’ibinyoma yazanye bishasha uretse kuvugira ahabona ivyo abandi bavugira mu ntamatama. Abatari bake mu batabona ibintu co kimwe n’abatari ku butegetsi bamufata nk’intwari mugihe bamwe mu bari ku butegetsi bamufata ukundi.

Ijambo “ imboneza y’amaho y’igihugu” ryari ryokoreshejwe ku mwana w’Imana atari ku muntu w’inyama n’amaraso kuko ducumura ku munsi ku munsi. Abantu ni baze bitondera ivyubahiro bahereza abana b’abantu.