
Haraheze iminsi ku mbuga ngurukana bumenyi hisukira ubuhanuzi bginshi bgerekeye igihugu c’Uburundi n’Urwanda buvuga ivyo intwaro zigiye guhinduka n’ibindi. Muri ivyo bihugu hiyongerako igihugu ca Congo cahora citwa zaïre, hari ubuhanuzi bginshi buturuka impande zitandukanye bukabura intambara, impinduka z’ubutetetsi n’ibindi. Iciza kiri muri ubgo buhanuzi n’uko buhamagarira abantu kwihana , bakitunganya kandi bakezwa kuko Yesu Kristo agiye kugaruka.
Igiteye amakenka na cane cane mu gihugu c’Uburundi n’uko hariho imigwi myinshi yiyitirira iryo sezerano igaheza ikabesha, ikibisha uruyeri abayizera mbere ikaba igeze aho ibashora kw’icumu. Kwigenekerezo rya cumi n’icenda mu ntara ya bujumbura, mu misozi ihanamiye bujumbura hari abantu biyita “Abatabazi” bavuga yuko bizera ko igihe co gushittswa c’isezerano ari uku kwezi, bababa ijana batoye ama Bibiliya, ibitabo vy’indirimbo , inkoho n’ama bombes barahaguruka bavuga yuko bagomba gufata ubutegetsi bg’igihugu ku nguvu ngo Uhoraho Imana yabibagabuye mu maboko nkuko vyavugishijwe. Abo bose barishwe, abashika mirongo itatu muribo barafatwa n’ibigwanisho vyabo ubu bakaba bari mu minwe y’inyamiramabi. Imigwi yiyitirira amasezerano yomenya yuko Uhoraho Imana atagwanigwa ahubgo ico ashaka ari kumwumvira.
Iyo haboneze ikimenyetso nkizo nyeneri zabonetse mw’ijuru zitonze umurongo baca bavuga vyinshi gusumba ivyo Uhoraho Imana yavuze. Iyo migwi nyene yemeza ku nguvu inyigisho zabo mbere bagakoresha iterabgoba ngo babemere ku nguvu. Mbere bakigisha n’ibihushane vy’ivyo ijambo ry’Imana ryigisha gukorana ibintu vyose urukundo:
1. Ngo abasenga umunsi w’iyinga basenga satani bakibagira yuko UmuKristo ategerezwa gusenge iminsi yose isabato na dimanche zose zirimwo.
2. Ngo abantu bategerezwa ku vyagezwe icumi, bigaca bibananira uko bafata ukwizwizera Yesu Kristo, ukwihana ukubatizwa no kwuzuzwa Mpwemu Yera kuko kuko bitavangika. Mukwigisha ivyagezwe, amabgirizwa bayafata igice kuko ntibaheza ngo bashike kubihano vy’abarenze ivyagezwe. Vyose vyerekana yuko ibintu vyose babifata akazuyazi.
3. Ngo babariwe kwiyimika , guhindura amazina y’igihugu n’ubundi bushirasoni. Ntawovuga yuko ari ubuzimire kuko hazimira uwusanzwe ari mu nzira y’ukuri.
4. Ngo abari mu migambge ni bayivemwo ngo kuko kiranazira no gutora. Ico bibagira n’uko yaba ari imigambge yaba ari n’amatora umuntu ntahatigwa kubijamwo kuko umwe wese yokurikiza ico umutimabgenge umwubgira n’ico Mpwemu Yera amwemerera.
5. Ngo abantu ni bave mu mashengero yabo babakurikire kuko ngo amashengero no malaya w’agahebuza. Bibagira yuko mu mashengero atandukanye ari mu gihugu no kw’isi harimwo umugeni wa Kristo Yesu kandi yuko aho ari hose inzamba ivuze yogenda. Ivyaha vyitirigwa abantu ntivyitorigwa Ishengero.
6. Ngo abantu ntibakaje mu nyigisho za Bibiliya ngo kuko tewologiya ihakana ubushobozi bg’Imana. Bibagira yuko Mpwemu Yera yigisha umuntu afatiye kuvyo uyo asanzwe azi kandi yuko Uhoraho Imana yamye ikoresha ku buryo buboneka abantu yabanza gutegura mukwiga ubgenge bgo mwisi nka ba Mose, ba Luka, ba Pawulo n’abandi.
7. Ngo abaganza aba n’abandi bakorera satani bahereye ku mukuri w’igihugu n’abafasha biwe; bagatobekeranya imigambge n’amashengero mu gutuka, no kubura umupfasoni n’ubuntu. Bashira imbere urupfu n’impfu z’abantu benshi bakabivugana umunezero no kwuzurizwa. Bibagira yuko UmuKristo adashobora kugira imvugo y’abapagani naho yoba ariko aravuga ukuri kandi yuko n’Imana ubgayo itanezereregwa abahona
Mwirinde abantu biyita abavugishwa muvyo bavuga bagatuka uyu n’uriya. Mwirinde abantu bishora hejuru bakiyita abami b’abaherezi kandi mwirinde abantu babita amazina y’ivyubahiro bakababgira ngo mukore ibi na biriya bakabemerera ibi na biriya. Umugambi w’Imana ku Burundi uzoshika nta gisivya mugabo ntuzoshitswa n’umwana w’umuntu. Nkuko uzoshitswa kw’Isi aho Yesu azocira imanza abaremwe bose, ni nako ugiye gushika ku burundi. Amen