
YANDIKA UDUTABO TWINSHI MU KIRUNDI GITOMOYE TURIMWO INKEBUZO NZIZA KURI BOSE KANDI NYINSHI
Uyu munsi abantu benshi bavuga yuko bazi Imana canke ari n’abakozi bayo mugabo wumvirije ivyiyumviro vyabo canke ukaraba ivyo bakora ugatangara.Amadini n’amashengero y’abakristo arakwiriye kwigisha ubutumwa bgiza akareka gusamaza abantu abigisha imico n’imigenzo n’ubundi bumenyi butabatumbereza ku musaraba wa Yesu Kristo. Ubutumwa bgiza nti butubgira ivyo umuntu yokora ngo yicungure, butubgira ico yoba kugira ngo abe uwacunguwe.Amadini n’amashengero menshi yaravanze ivyo Imana n’ivya satani bituma ububi bgiyongera mu gihugu no mu mashengero y’abiyitirira Yesu Kristo. Harageze yuko abantu bahindukirira ukuri bakavangura kugira ngo dukize iy’isi yacu. Ubu ntawukimenya umukristo, umunyavyaha n’umupagani, bose barasa. Ntawukimenya umunyabuntu, umunyabupfura n’ibirara, bose rarasa kubera abigisha ijambo ry’Imana aribo batanguye kwononekara bakavanga ukuri n’ibinyoma kuko wa mubi yatwingiranye. Harageze yuko ingabo za Yesu Kristo, abakunzi n’ukuri bahaguruka duhagararire umuco kugira ngo twirukane ikinyoma n’ububi.