
URUTONDE RW’AMASENGESHO Y’INDWI YO KUVA KU 10/2- 17/2/2020
Ihanga Ryera ry’Imana
Ihanga Ryera ry’Imana ni Ishengero rya Yesu Kristo, mu gihugu cacu c’Uburundi ryitwa: ISHENGERO RYA YESU KRISTO – IHANGA RY’IMANA. Rifise ibicaniro mu ntara zose z’igihugu c’Uburundi no mu bindi bihugu vya Afrika, Canada, Amerika, Australia, Ubulaya na Aziya. Ihanga ry’Imana rimaze imyaka myishi atakindi rikora atari ugusengera amasezerano Uhoraho Imana yahaye igihugu c’Uburundi, gusengera imitwaro itandukanye, kwigisha ubutumwa bgiza bga Yesu Kristo no kuramura abanyengabire batandukanye. Umuntu wese aba ari mw’Isengero rya Yesu Kristo – Ihanga ry’Imana, iyo:
- Yizeye Yesu Kristo kuba Umwami n’Umukiza wiwe;
- Yihanye ivyaha vyiwe vyose
- Abatijwe yibijwe muri yorodani mw’izina rya Yesu Kristo;
- Asengewe ngo yuzuzwe Mpwemu Yera;
- Yigishijwe gukorera Imana no kujana ubutumwa bgiza.
Mwese murahawe kaze kwifatanya n’Ihanga ry’Imana mu rugendo rugana aho Imana yadusezeraniye. Twandikire kuri ihangaryimana@gmail.com, whatsapp: +(257) 6140-4181 canke +(1) 914-448-3650.
URUFATIRO
Vyabihe mwarindiriye kuva kera biregereje. Imana iraje kubashitsako ivyo yabasezeraniye, abantu bose bamenye yuko ari Imana Ihoraho yabatoranije. Muzokwereka Abarundi n’amakungu yuko Ihanga Uhoraho Imana yirobanuriye mu gihe ca kera yaryise ISIRAYERI kandi yarihaye IVYAGEZWE [Abalewi 26:46, Abaroma 9:4] ngo bibe urufatiro. Ihanga ryo hanyuma, Uhoraho Imana yitoranirije yaryise ISHENGERO RYA YESU KRISTO [Matayo 16:18, Abikolosayi 1:18, Ivyakozwe n’intumwa 20:28] kandi yarihaye UKWIZERA Yesu Kristo nk’Umwami n’umukiza, UKWIHANA IVYAHA no Kubatizwa kuba urufatiro. [ Imigani 3:5-6, Yahana 3:16, Abaroma 10:9-10, Ivyakozwen’intumwa3:19, 16:31, 1 Yohana 1:9] Ishengero rya Yesu Kristo rigiye kwerekana mu gihugu no mu mahanga yuko atari intwaro z’ubuhinga n’ivyiyumviro vy’abana b’abantu nka Demokarasi, Tewokarasi, Monarishi canke izindi zishobora kuzana amahoro, urukundo n’iterambere; mugabo yuko ari imico, imigenzo n’akaranga ka Kristo Yesu kabishoboye. [Abayefeso3:20, Yeremiya 29:11, Abaheburayo 13:20-21]
INYIGISHO
AbaKristo twese turakwiriye kugira umutima wo gukorera Imana mu bgizigigwa n’ubgira. Tukaba abashumba b’Imana [1 Abikorinto 4:1-16]
- Umushumba w’umwizigigwa agira ivyiyumviro bitumbereye [1-4]
- Umushumba w’umwizigigwa aca bugufi, ntiyishira hejuru;
- Umushumba w’umwizigigwa atahura yuko ari umwizigigwa;
- Umushumba w’umwizigigwa abgira Imana ivyo akora.
- Umushumba w’umwizigigwa agira umutima utumbereye [5-10]
- Umushumba w’umwizigigwa yerekana umutima wiwe wose;
- Umushumba w’umwizigigwa yerekana intumbero ziwe zose;
- Umushumba w’umwizigigwa ashimwa n’Imana ntashimwa n’abantu.
- Umushumba w’umwizigigwa agira intumbero nziza muri vyose [11-16]
- Umushumba w’umwizigigwa akorana umutima wiwe wose ariko uwitumiye mu bikogwa akoresha ubgenge bgiwe gusa.
- Umushumba w’umwizigigwa yiyumvira ivyo Yesu Kristo yatanze ariko uwitumira mu bikogwa araba ivyo atanga.
- Umushumba w’umwizigigwa aritanga mu mirimo y’Imana ariko uwitumiye wewe araba ivyo akora agaharura inyungu.
- Umushumba w’umwizigigwa mu kwitanga araba ivyo abantu bakeneye ariko uwitumiye wewe aharura umwanya wiwe.
- Umushumba w’umwizigigwa aritaho ivyo ariko arakora ariko uwitumiye wewe akora ibimubangukiye bimuha inyungu.
- Umushumba w’umwizigigwa ashira Yesu Kristo hejuru akamuhesha icubahiro ariko uwitumiye yishira hejuru akabura ntace bugufi.
Turize ku mushumba w’umwizigigwa. Ubu rero urashobora kumenya neza abitumiye mu mirimo y’Imana n’abashumba babizigigwa. Uravye ingene witanga mu murimo w’Imana, ubona uri umushumba w’umwizigigwa canke uwitumiye. Twese tugire umutima wo kwitanga mu gukorera Imana.
IMPANURO
– Ntihakagire muri mwebge umuntu abaho afise imitima ibiri kandi adatunganye mu nzira ziwe zose. [Yakobo 1:8] Aho niho hava ubuhumane mw’ishengero n’ahera h’Imana mu kwifatanya n’abatizera, mu kwifatanya n’abapagani n’abakora ibizira ngo ni amasengesho mpuzamadini. [ 2 Abikorinto 6:14, Abayefeso 5:8-14, Yohana 3:19]
–Mwirinde gushira imitima yanyu ku nsaku n’ibihuha bivugigwa ku mihora ngurukana bumenyi nka whatsapp, facebook, youtube n’iyindi ariko mushinge imitima yanyu kuco Ijuru ritangaza. Mwame mwiyumvira kandi mwinovora ico Uhoraho Imana yavuganye namwe gusa. [Abayefeso 5:6, 2 Timoteyo 2:16, Imigani 14:23, Hoseya 10:4]
IMITWARO
– Dukurikije urutonde rw’amasengesho twahawe n’ijuru, umwanya ku mwanya tuzosenga ngo ubugombe bg’Imana bube ku gihugu cacu c’Uburundi.
– Tuzosengera umurongozi Imana yashize imbere mw’Ihanga ryayo, abo bakorana bose bari mu gihugu no kumpande zine z’isi, abakuru b’ibicaniro, abakozi b’Imana bose hamwe n’Ihanga Ryera ryose.
-Tuzosengera abari mu buzimire bg’amadini canke inyigisho z’uruvange kugira ngo ab’Imana ibihishurire, abanyavyaha bihane n’abagerereye kure y’Imana bagaruke ku gakiza kugira ngo bose binjire begere umusaraba kandi baramirize mu rugendo ruja mw’ijuru.
– Tuzosengera impfuvyi, abapfakazi, abageze muzabukuru, abapfunzwe, abahunze, abagendana ubumuga, abagwaye, abashonje, abatagira aho baba, abari mu mutekano muke, n’iyindi mitwaro itandukanye.
Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo abahezagire mwese, Amen!