
1. Inyuruzwa n’urupfu rw’umugwizatunga benshi bazi kw’izina rya Kirahwata kube yakoze umwuga wo kumvunjisha amahera mva makungu kuva kera. Akaba yanyurujwe ejo uyu munsi bakamutora ikiziga kwi Jabe.
2. Inyuruzwa n’urupfu rw’abadandaza 2 baturuka mu ntara ya Kayanza batawe mw’ishamba rya Kibira ari ibiziga bari bavuye kurema isoko i Ndora mu ntara ya Cibitoke.
3. Iyirukana ry’abakozi ba ryashirahamwe mpuzamakungu rishinzwe amagara y’abantu kubera boba b’ivanze mu biraba indinganizo y’intwaro y’igihugu.
4. Ingwara y’ikiza ca covid-19 yafashe abaforoma 8 basanzwe bavura mu bitaro vyakira abarwaye ico kiza.
Tuboneyeho akaryo ko gutumira Abarundi n’abakunzi b’UBurundi gufata umwanya wo kwihana , kwiyeza no gusenga Imana ubufahwema. Umwami Yesu abahezagire.