UMUTUMIRO W’AMASENGESHO AZOMARA IMINSI 7

       UMUTUMIRO W’AMASENGESHO ADASANZWE AZOMARA IMINSI INDWI

Mukozi w’Imana Isumba Vyose, uratumiriwe amasengesho adasanzwe azomara iminsi indwi; wewe ubgawe, umuryango wawe nabo urongoye. Muzoyakora uko muzorongorwa.

URUFATIRO

-Zaburi 50:15-16“Uz’unyambaze ku munsi w’amagorwa, Nzogukiza nawe uzompesha icubahiro. Ariko umunyakibi Imana iramubaza , Iti wiruhiriza iki kubgira abanda amabgirizwa yanje, ugashira ISEZERANO ryanje mu kanwa kawe?”

-Matayo 6:9-10 “Data wa twese uri mw’ijuru, izina ryawe ryubahwe, ubgami bgawe buze, ivy’ugomba bibe mw’isi no mw’ijuru.”

URUTONDE

1.- Umunsi wa mbere kuwa 14/05/2020 kuva mugaturuturu ni umunsi wo kwihana ivyaha n’akaha, kwiyeza no kwitunganya, gusaba imbabazi, kwaturanira no kwitatura n’Imana n’abantu.
2. – Umunsi ugira kabiri kuwa 15/05/2020 ni umunsi wo kwiga no gusenga ngo umenye ico Imana ikugombako, kuvangura ibibi n’ivyiza, kuvangura ibinyoma n’ukuri.
3.- Umunsi ugira gatatu kuwa 16/05/2020 ni umunsi wo gutanga ikimazi c’ishimwe ku Mana, gusezeranira Imana bushasha kutayihemukira no gufata ingingo yo kuyikorera ku buryo budasanzwe.
4.- Umunsi ugira kane kuwa 17/05/2020 ni umunsi wo gusenga wereka Uhoraho Imana imitwaro yawe yose no gusengera imitwaro y’abandi (Kwisengera , gusengera umuryango wawe, ababanyi, incuti, imiryango, n’abandi bafise imitwaro).
5.- Umunsi ugira gatanu kuwa 18/05/2020 ni umunsi wo kwatura amasezerano yawe nayo igihugu. kwibutsa Imana no gusengera amasezerano yawe ayo igihugu no gusengera muri Mpwemu (mu ndimi).
6.- Umunsi ugira gatandatu kuwa 19/05/2020 ni umunsi wo gusiguza Imana. Gufata ibihe vyo kwihererana n’Imana uyisiguza kandi uyibaza amabanga yo mwisi nayo mw’ijururu.

7.- Umunsi ugira indwi kuwa 20/05/2020 ni munsi w’intsinzi, amashimwe, gutazira no kunezerererwa Imana yacu dushira hejuru Umwami wacu Yesu Kristo. Umunsi wo gusozera amasengesho ku murango.

Umwami wacu Yesu Kristo azobana namwe!