







Ni twashika mw’ijuru Imana ntizotubaza amazu twasize twubatse mw’isi, ntizotubaza amafaranga twasize mu mabanki. Azotubaza ingabire yaduhaye ico twazikoresheje, Yesu azotubaza imitima twabohoye, azotubaza igitigiri c’abantu twashikanye ku gakiza. Ishengero rya Yesu Kristo Ihanga Ryera ry’Imana nta cagezwe na kimwe Uhoraho Imana Yehova yahaye umwana w’umuntu rita hasi. Bibiliya Yera yose nirwo rufatiro rw’Ihanga ry’Imana. Ishengero rya Yesu Kristo Ihanga ry’Imana ryi Gitega kuwa 27/06/2020 ryazindutse rirabatiza mw’izina rya Yesu Kristo, abakiriye Umwami n’Umukiza Yesu Kristo [Mariko 16:16] kugira ngo bakizwe.
Uhoraho Imana yacu abihererwe icubahiro. Aho uri hose:
-Urashaka kwihana ivyaha?
- Urashaka ku batizwa ?
- Urashaka kubohoka ku caha?
- Urashaka kwigishwa ijambo ry’Imana?
- Urashaka gusengerwa?
- Urashaka gukorera Imana?
Twandikire tugushikire aho uri hose mu gihugu c’Uburundi canke mu mahanga, canke tuguhuze n’abakozi b’Imana Isumba Vyose. Yesu Kristo yamamare.