Ishengero rya Yesu Kristo I Bujumbura rirasengera kandi rigahezagira Abana bato

Kuri uyu munsi igenekerezo rya28/06/2020, Ishengero rya Yesu Kristo Ihanga ry’Imana ryi Bujumbura, ryazindukanye uruhimbi

ariryo Sangira Ryera ico gikogwa co kwegera Imeza y’Umwami Yesu Kristo cafatanije n’ikindi gikorwa c’iteka co gusengera no guhezagira abana bato b’abizera [Matayo 19:13]

Bavyeyi, nimba hariho ikintu ciza cane mushobora gukorera abana banyu muri iy’isi ya none ni ukwereka inzira y’agakiza abana banyu kugira ngo bakurire muri Yesu, ni ukubajana mu rusengero kugira ngo abungere babasengere kandi babahezagire.

Tubibutse yuko kubatiza atuyoya atari imigirwa yo muri Bibiliya Yera. Umuntu akwiriye kubatizwa akakuze, yizeye kandi we nyene agafata ingingo. [Mariko 16:16]