Ihanga Ryera ry’Imana riramamaye mu gihugu cacu no mu mahanga, ehe muri Tanzaniya

Ishengero rya Yesu Kristo- Ihanga Ryera ry’Imana mu gihugu ca Tanzania rifise ibicaniro i Deresalamu na Dodoma rikagira n’amashengero i Mutenderi, Nduta na Nyarugusu. Abo ba-Kristo baritanga bagashima Imana uko bari kwose nk’uko aba-Kristo [Abitesaloniki 5:18] babigenza.
– Ishengero rya Yesu Krusto Ihanga ry’Imana nti ryigisha bga butumwa imihezagiro , ubutunzi n’ama viza yo kuja I burayi ariko turazi yuko Uhoraho Imana yasezeraniye imigisha y’ubgoko bgose abayubaha [Abifilipi 4:19-20, Yakobo 1:17-18; Luka 6:38-40]
– Ishengero rya Yesu Kristo -Ihanga Ryera ry’Imana ririgisha ibihe vyiza bigiye kuza kubera amasezerano yo mu mpwemu no mu gihugu Uhoraho Imana yasezeraniye abayubaha.
– Ishengero rya Yesu Kristo Ihanga Ryera ry’Imana rishira imbere ukwihana, ukwezwa no gutungana kugira ngo abantu bakoreshwe n’Imana ivyo ku gororoka kandi bazibonere ivyiza Imana yabasezeraniye hano mw’isi no mw’ijuru.
Turahamagariye Umurundi wese gufata umwanya wo kwihana no guhindukirira Uhora Imana nkuko aba bene-Data barengera ibibazo barimwo bakitangira umurimo w’Imana. Amwe mu mafoto ya Mutendeli. Umwami Yesu Kristo abahezagire