Ishengero rya Yesu Kristo Ihanga ry’Imana rya Karusi ryabatije abizera

ISHENGERO RYA YESU KRISTO IHANGA RY’IMANA MU NTARA YA KARUSI
Uwizera Yesu Kristo kuba Umwami n’Umukiza w’ubugingo bgiwe, akabatizwa mw’IZINA rya Yesu Kristo azokizwa, ariko utizera azotsindwa n’urubanza [{Mariko 16:16]}Umwami wacu Yesu Kristo ni Uhoraho Imana y’Ubushobozi yavuye mw’ijuru aza hano mw’isi aba umuntu nkatwe kugira ngo acungure abamwizera bose. Imbere yuko asubira mw’ijuru yasize adutoranije nk’intumwa ziwe kugira ngo twamamaze ubutumwa bgiza bg’UMUSARABA. Ubgo butumwa bugizwe no kwizera, kwihana , kubatizwa no kwuzuzwa Mpwemu w’Imana. Yesu Kristo niwe nzira n’ukuri n’ubugingo we nyene, aduha kubaho neza tukiri hano mw’isi kandi akanadushikana mw’ijuru kwa Data. Abigisha ubundi butumwa n’izindi nzira zo ku gororoka bari mu buzimire. Si ivyagezwe bizokujana mw’ijuru, si impongano z’ivyaha vyawe zizogukurako urubanza rwo gupfa mugabo ukwizera, ukwihana, ukubatizwa, guhinduka no kwuzuzwa Mpwemu w’Imana. Amaraso ya Yesu Kristo yonyene niyo yoza ivyaha vyacu akaducisha muri izo ntambge zose tudondaguye. Abizeye Yesu Kristo, bakihana bazindutse barabatizwa mu ntara ya Karuzi. Amafoto abereka uko vyagenze.