Umwami Yesu Kristo Yamamare

Hariho inyigisho zo kuzimiza abantu zikwiragizwa n’akagwi k’abantu kagwanya ukwizera Yesu Kristo kandi kamwiyitirira. Ako kagwi ngo kimitse umwami w’Uburundi bise Ubukiriro yitwa Muhimpundu Lambert agakwiragiza urwanko n’ibinyoma mu bantu

Abantu bazogeza ryari kwizera ibinyoma, bagakurikira n’amajambo y’urwanko? Uwizera Yesu Kristo wese azokira. « Yesu Kristo niwe Nzira n’Ukuri n’Ubugingo. Ntawuja mw’Ijuru kwa Data (Uhoraho Imana Yehova) atamujanye  » YOHANA 14:6

Tewokarasi-Ipurugatori, Ivyagezwe-Impongano, … Ni inyigisho z’ibinyoma n’ubuzimire zamuka mu gipagani. Bizana urubanza rwo gupfa. Soma ABAROMA 7:10