Ishengero rya Yesu Kristo-Ihanga Ryera ry’Imana, rifise ibicaniro n’amashengero mu gihugu cacu c’Uburundi mu ntara zose n’imihingo yose y’igihugu. Tumaze imyaka itanu twigisha ubutumwa bgiza bga Yesu Kristo duhamagarira abantu ukwihana, ukwiyeza no gutunganya ingeso zabo kugira ngo bazobone ubgiza bg’Imana. Iyo myaka tuyimaze kandi dusengera igihugu cacu ngo Uhoraho ashitse ivyiza yasezeraniye igihugu cacu. Twararamuye abasenzi, abavugabutumwa, abavugishwa, abaririmvyi n’abandi bakozi b’Imana bo mu mabango atandukanye kugira ngo duheshe icubahiro Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo.


Ubutumwa buravurwa, Mpwemu Year akururuka, ibitangaza bigakoreka Yesu akabohora kandi agakiza abantu. Ishengero rya Yesu Kristo Ihanga Ryera ry’Imana ntiryashinze imizi mu gihugu gusa, ryaragutse rigera mu bihugu duhana imbibe ndetse na kure mu mahanga. Tumaze iminsi tubereka uko ibikorwa biriko biragenda hirya no hino. Uyu munsi tubereke ivyo mu gihugu ca Uganda aho Ishenegero rya Yesu Kristo rifitiye ibicaniro n’amashengero no muri Kampala na Nakivale. Uri muri ivyo bice utwandikire tubahuze n’abakozi b’Imana kugira ngo muteze imbere umurimo wa NDIHO. Umwami Yesu Kristo abahezagire cane.