Amakuru: ubgicanyi mu Burundi burakwiriye guhagarara.

Hariho ibintu vyinshi biguma biba mu gihugu cacu c’Uburundi, abantu bakabifata ibasanzwe kandi ari akaranda kategerezwa kuranduranwa n’imizi. Hariho urwaruka rwicana kubera imigambge, ivyo bikwiriye guhagarara. Hatiho abantu bicana kubera indyane z’amatongo, z’imiryango n’ibindi. Ivyo navyo bikwiriye guhagarara. Ubgicanyi bgimonogoje ni ubgerekeye uburozi bg’ubuhano, abantu barya canke bakanywa ishano n’ubundi batuma mu muyaga. Mu bicwa cane harimwo abategetsi ba leta, abasirikare n’abapolisi. Eka n’abagiye kugarukana amahoro mu bindi bihugu ntibarwikinze.
Ishengero rya Yesu Kristo Ihanga Ryera ry’Imana risavye abavuga yuko ari abakozi b’Imana, bataravye amadini barimwo guhaguruka bagahagararira ukuri, bigishe abantu kwubaha abandi. Abarozi babihebe, abicanyi babuhagarike bihane. Duhamagarira Abarundi bose, aho bari hose bareke kwijajara kuko satani yarabinjiranye. Murabe ivyo murya n’ivyo munywa, muhaguruke mwigishe urukundo, ubupfura n’ingeso nziza.
Hanga Ryera ry’Imana aho muri hose, ni mu semerere abantu bizere, bihane, bezwe, ba batizwe mw’izina rya Yesu Kristo kandi buzizwe Mpwemu Yera. Umwami Yesu yamamare!