Ubuhanuzi bwerekeye impanuka b’impfu za giturumbuka bgashikijwe n’ibindi biri inyuma.

UBUHANUZI KU MPANUKA Z’ABIYUNGURUZA BGASOHOJWE.

Naho habaho ubuhanuzi bg’ibinyoma bginshi, abantu bose abemera n’abatemera barakwiriye kwakira ubuhanuzi bgose bagasuzuma ubgo ukuri bakabuvangura n’ubgo ikinyoma bagaheza bakitegurira ibigiye gushika.
Haraheze iminsi abahanuzi bavugishijwe imvura, imiyaga n’imyuzure mu gihugu cacu mwarabonye yuko bgashitse inganda zigatikira mbere n’ubu hakaba hakiriho imiryango myinshi yipfumbereje. Ejo bundi ubundi buhanuzi bgerekeye impanuka z’imiduga, amapikipiki n’amakinga bgaravugishijwe abantu baguma babifata ibisanzwe. Ariko mu minsi mike impanuka zimaze guhitana abatari bake.
Hambavu yo gusuzuma neza ingene impusha zo kugendesha imiduga zitangwa n’isuzuma ry’imbitse ry’ingene imiduga ija mw’ibarabara yotegerezwa kuba imeze, abantu boraba uko amabarabara ameze, amategeko akubahirizwa na cane cane bakanitondera ico ijuru riba ryatangaje. Ubuhanuzi bgavuze yuko muri uku kwezi kw’indwi n’uko umunani satani agiye guteza impanuka n’impfu giturumbuka nyinshi mu gihugu. Mu minsi mike cane imiduga ya momentum imaze kwiha inkumbi kabiri yikurikiranya n’iyindi miduga hirya no hino mu gihugu no mu gisagara ca bujumbura. Abizera ni mwisengere kandi musengere imiryango yanyu kandi musengere n’abera. Twese twihane twezwe kugira ngo Imana itabare Ihanga ryayo yatoranije.