
Abantu benshi biruka inyuma y’ubutunzi ubuzima bgabo bgose. Niyo babushikiriye bukaribga n’abandi. Hariho n’abatigera babushikira bagapfa barushe. Ariko umunyabgenge wewe aho kwiruka inyuma y’ubutunzi yiruka kurondera Yesu Kristo kuko niwe wenyene atanga ubutunzi bgamaho. Reke twese turondere uwo atanga ubutunzi, Yesu Kristo.