
Abantu benshi bumvise imburi n’ubuhanuzi barabaza ngo ivyo ni ibiki? Inyishu n’uko ari ijambo ry’Imana rihumetswe na Mpwemu w’Imana ho na ho. Ni Uhoraho Imana aba yabonye ico abantu bakeneye kumenya hanyuma akabatahuza ku gihe cabo.
Amadini n’amashengero menshi n’abantu ku giti cabo birashika ntibasgire umutima ku mburi n’ubuhanuzi kuko hariho ababgiganye bakavuga ngo Imana yavuze kandi itavuze. Hariho n’ababginuba kuko badashaka yuko Imana inyegurura ibibi vyabo.
Ubuhanuzi bg’uyu munsi n’ubgo gutera intege uwuhagaze neza kuko Uhoraho Imana yatudumye kubibabgira.