
Nkuko umuhanuzi Amosi yabivuze, babiri ntibojana bataraganye kandi hariho intundura zokubuza gushika iyo uriko uraja. Ukuja mw’ijuru si urufatanamende co kimwe no gushikira ico Imana yagusezeraniye hariho abantu n’ibintu utegerezwa kwikura. Hariho abantu atakindi bakora atari ukugusamaza, baguteshe umwanya kuko bobo ata ntumbero bafise. Abo ni ukurekurana nabo ntubahe ikibanza mu mutima wawe kandi bagucokoye ntubashireko umutima, wibandanirize urugendo kuko urazi iyo uriko uragana.
Hariho n’ibintu atanico vyokumarira usanga wikoreye bikagutesha umurindi wo gushikira isezerano ryawe Imana yagusezeraniye. Ivyo bintu uretse kukubabaza ntakindi vyokumarira. Ni ivyaha, ukwiganira, ishavu, imyikomo, inzigo n’ibindi. Biture hasi winjire mu karuhuko ariyo sabato Yesu Kristo atanga.