Imburi y’ishitswa ry’amasezerano ku bana b’Imana.

             IMBURI YURURUTSE IVUYSE MW’IJURURU YO KUWA 27/01/2021

Uhoraho Imana yongeye kwururutsa imburi aburira Ihanga ry’Abarundi agira ati: “Barundi, Barundikazi nabatumyeko abavugishwa nanje benshi abo mu Burundi n’abo mu mahanga. Bose baza babahanurira ijambo rivuye k’Uhoraho ngo mwihane, muhindukirire inzira z’Uhoraho, ari mwabateye akagere. Barababuriye inkota y’Uhoraho kandi n’ubu bakiriko ariko mwagamitse izosi ngo muzobibara mubibonye none ehe bigeye kubashikako giturumbuka.”

Uhoraho arongera ati:” Barundi, Barundikazi, Hanga natoranije, uretse kubarungikira abavugishwa mwebge nyene nabateje inzozi n’iyerekwa ndabahishurira ivyo ngiye gukora. Narabamenyesheje yuko atawuzosubira gutwarwa mu mahanga, mbere yuko n’abariyo bagiye gutahanwa. Mwitegure kubibona mu bihe vya vuba.” Uri n’ugutwi ni yumve ico Mpwemu abgira Ishengero rya Yesu Kristo IHANGA RY’IMANA.

IMBURI YA MBERE : Imburi ibura umuriro [EZECHIEL 20 : 45-49]

45 Maz’ ijambo ry’Uhoraho rinzako,

46 riti Mwana w’umuntu, tungira ijisho ryawe i bumanuko, utumey’ ijambo ryawe, uburire ikibira co mu kiyaya c’i bumanuko,

47 ubgire ico kibira caho, uti Ni wumve ijambo ry’Uhoraho: uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ngw Ehe ngira nkudomekek’ umuriro kand’ uzotongora igiti kibisi cose co muri wewe, n’igiti cumye cose: ibirimi vy’ibibengebenge vyawo ntibizohwamikwa, mu maso h’abantu bose hazobabuka uhereye i bumanuko ukageza i buraruko.

48 Maz’ abafise umubiri bose bazobona kw ari jewe Uhoraho nawudometse: kandi ntuzohwamikwa.

49 Maze ndavuga, nti Yo! Ewe Mwami Uhoraho! Erega baramvuga, ngo Mbeg’ uyo si gacamigani?

IMBURI IGIRA KABIRI: UKO ABARUNDI BAZOSUBIZWA MU GIHUGU [YESAYA 52:6-15]

6 Nuko rer’ abantu banje bazomenya izina ryanje; kur’ uwo musi bazomenya kw ari jewe mvuga: mbere ni jewe nyene.

7 Ereg’ ibirenge vy’uzanye inkuru nziza ni vyiza ku misozi, akamamaza ivy’ amahoro, akazana inkuru nziza z’ivyiza, akamamaza ivy’ agakiza, akabarira Siyoni, at’ Imana yawe iri ku ngoma!

8 Ijwi ry’abashibamyi bawe! Bashize hejuru bavugiriza impundu hamwe; bazovyibonera imbonankubone aho Uhoraho azogaruka i Siyoni.

9 Ni muturike munezerwe, muririmbire hamwe, yemwe misaka y’i Yerusalemu: kuk’ Uhoraho aremesheje abantu biwe, acunguye Yerusalemu.

10 Uhoraho akumye impuzu ku kuboko kwiwe kwera mu maso y’amahanga yose, kand’ impera z’isi zose zizobona agakiza k’Imana yacu.

11 Ni mugende, ni mugende, muveyo; ntimugakore ku kintu gihumanya na kimwe; muve hagati yaho; mwitunganye, yemwe abashorezi b’imbombovu z’Uhoraho.

12 Kuko mutazovayo mwihuta, canke ngo mugende nk’abahunga: kuk’ Uhoraho azobaja imbere; Imana y’Abisirayeli izobimiriza.

Umwami Yesu Kristo yamamare mw’isi no mw’ijuru!