Ubuhanuzi bgururutse buva mw’ijuru kuri uyu wa 28-01-2021: Hanga Ryanje ndaje gushitsa ivyo nabasezeraniye.

        UBUHANUZI BGURURUTSE BUVUYE MW’IJURU KURI UYU WA 28-01-2021

Ijambo ry’Uhoraho Imana ryongera kwururuka rivuye mw’ijuru,ribgira umusavyi w’Imana riti: “Mwana w’umuntu, nije nagutoranije kandi nije nitoranirije ihanga ryanje mu yandi mahanga kugira ngo rize rimpeshe icubahiro. Nshikirira ihanga ry’Abarundi na cane cane abo nirobanuriye, ubashikirize ibi bikurikira. Uti uku niko Uhoraho Nyeningabo agize:

1. Ca gihe c’isezerano nabasezeraniye kiraje kandi kirashitse bidatinze. Ndaje gushemba abumviye no guhana abagarariji. Inkota yanje iraje kurandurana n’imizi abanyakibi n’ivyishira hejuru vyose.

2. Babgire, usemererebihane ivyaha vyabo bahinduke. “Ni mureke kwifatanya n’abatizera, abanyamareba, abasenga ibigirwamana, abapfukamira ibishushanyo n’abanyamadini yo mw’isi”

3. Nabatoranije ngo mube inyegu yanje niharije, nabashize hejuru hejuru kuko muri Ihanga ryanje kugira ngo ntimwivange kandi ntimugende nk’abanyavyaha n’abanyamadini kuko singendana n’ikibange.

4. Some kandi musubire mwumvirize imburi nabarungikiye zose, umvire abasemerezi nahagurukije kandi mufurure mwongere muvomere Ingabire zitandukanye ziri muri mwebge.

5. Abisirayeli bavuye muri Egiputa babujijwe no gushika mu gihugu c’isezerano kubera kudateramira Isezerano, kutubaha ivyagezwe vyanje, kutagira urukundo nkuko nanje nabakunze.  

6. Mwame mukorera Uhoraho Imana yanyu mu gusenga, ugusoma ijambo ry’Imana no kubgira abanda ubutumwa bgiza bg’umusaraba iminsi yose, uko bukeye n’uko bgije.

7. Mugire ingeso nziza kandi mwambare imyambaro ibereye aba-Kristo, mufungure kandi munywe ibibereye abana b’Imana. Umwe wese abe igicaniro kizima, ingoro ya Mpwemu Yera, mwame ivyamwa vy’urukundo.

                         Ntiducudike n’isi DUSOME MURI [YAKOBO 4 :1-12]

1 Muri mwebge intambara ziva hehe, n’imitongano iva hehe? Mbega ntibiva mu bibahimbara birwanira mu ngingo zanyu?

2 Murifuza, ariko ntimuhabga: murica, mugira ishari, ariko ntimushobora kuronka; murarwana muratabara. Ntimuhabga kuko mudasaba:

3 murasaba ntimuhabge, kuko musaba nabi, kugira ngo muvyononere mu bibahimbara.

4 Yemwe basambanyi, ntimuzi yuko gucudika n’isi ar’ ukwankana n’Imana ? Nuk’ umuntu wese agomba kuba incuti y’isi aba yigize umwansi w’Imana.

5 Canke mwiyumvira yukw ivyanditswe bivugira ubusa, ng’ Uwo Mpwemu yagererewe muri twebge atwikundiriza afuha?

6 Arikw itanga ubuntu burushirije. Ni co gituma ivuga, it’ Imana irwanya abibona, arikw abicisha bugufi ibaha ubuntu.

7 Nuko mugamburukire Imana, ariko murwanye wa Murwanizi, na we azobahunga.

8 Mwiyegereze Imana, na yo izobegera. Yemwe banyavyaha, ni mukarabe: yemwe ab’ imitima ibiri, ni mwiyeze imitima.

9 Mubabare, muboroge, murire; ibitwengo vyanyu bihinduke amaborogo, umunezero uhinduke umubabaro.

10 Mwicishe bugufi imbere y’Umwami Imana, na yo izobashira hejuru.

11 Bene Data, ntimuvuganane nabi. Uvuga nabi mwene Se, cank’ uhinyurira mwene Se ku mutima, aba avuze nabi ivyagezwe, ni vyo aba ahinyuye. Arikw iy’ uhinyura ivyagezwe, ntuba uvyitondera, uba ubaye umucamanza wavyo.

12 Ushinga ivyagezwe, ari we mucamanza, n’Imwe gusa; ni yo ishobora kurokora no guhonnya: ariko wewe ur’ iki, uhinyura mugenzawe?

                                    UMWAMI YESU KRISTO YAMAMARE!