Urupfu rwa President Magufuli Pierre Pombe rwari rwarahanuwe.

Umuhanuzi Ian Ndlovu yari yarahanuye urupfu rwa President Magufuli imbere yuko apfa. Yagize ati abantu bategerezwa gusengera President Pombe Magufuli kuko afise abansi benshi kubera ukwitangira abanyagihugu ba Tanzaniya. Yasavye yuko aba Tanzaniya bofata iminsi itanu yo kumusengera kuko uwo muhanuzi yeretswe uwo mu kuru w’igihugu yicaye mu ntebe aruhutse ariko hariho imyampi myinshi y’uburozi bariko baramurasa.

Ntivyatevye President Pombe Magufuli yaraye asandavye kuwa 16-03-2021 yahavuye nawe yivugira yuko abari muri leta n’ibindi bihangange bitamwihanganira kubera yuko arwanya igiturire kandi aguma aharanira ineza y’abanyagihugu. Yahavuye avuga yuko yatemereye igisagara ca Dodoma bamunywesheje isumu mugabo Imana igakinga. Abantu benshi uyu munsi baravuga yuko yishwe n’uburozi kandi bukaze. Aha munsi y’izuba satani akoresha vyinshi abantu batandukanye. Amaraso ya Yesu Kristo abe kuri mwebge mwese mumwizeye.