
WIBAZA IKI KU GIHUGU C’ISEZERANO ABIZERA BOSE BARINDIRIYE?
Umuntu adafise ico Uhoraho Imana yamuhishuriye yumvise “igihugu c’isezerano” yiyumvira yuko ari ukuja mw’ijuru, kandi ntaho aba ataye.
Uwumvise amasezerano Imana yahaye Ihanga ry’Abarundi nawe y’umvise “Igihugu c’isezerano” aca abona Igihugu c’Uburundi nk’uko cavugishijwe n’abahanuzi batandukanye, aho kizokwitwa igihugu c’amata n’ubuki nk’uko Imana yise KANANI yo mw’isi. Ico abantu benshi ntibagihurizako mbere hariho ababihakana yuko bitabaho ngo mbere nta n’inzira ihari vyocamwo.
Ariko rero jewe ndazi neza yuko muvyo ukuri Uhoraho Imana yasezeranye Uburundi Bushasha bg’Isezerano kandi yuko Abarundi benshi bagiye kububona. Kuvuga gutyo si ukugwanya leta ihari uyu munsi canke kugwanya abavuga yuko bayigwanya ahubgo ni ukuvuga ico Imana igiye gushitsa kandi mu mutima w’umurundi wese Uhoraho Imana yarashizemwo uko Uburundi bg’Isezerano bugiye kumera. Ariko benshi bagumana ukudatahura n’ukutemera n’abandi baryemeye.
Abantu benshi baribaza aho iryo jambo isezerano, abisezerano canke amasezerano ryavuye. Abatari bake bararifise kumutima, bakaryemera kandi bakaba baratanguye no kurikorera no kuriteramira bivuye inyuma.
Naho biri uko hariho nabandi batazi icarico, abaryinuba n’abarinebagura. Abo barifata uko ni uko batazi icarico kuko bibaza yuko ari ivyiyumviro vya politike nkibindi vyose canke ivyiyumviro vy’idini vyadutse nkuko muvyo abarundi bizera harimwo ivyo usanga benshi badasobanukirwa.
Ivyerekeye isezerano, uretse yuko abasenzi, abavugishwa, abaririmvyi n’abavuga butumwa benshi bavyigishijwe, bakabisoma kandi bakanavyerekwa; umurundi uwariwe wese yaba mukuru canke muto aramaze, mu mutima wiwe, guhabwa iciyumviro (inspiration) c’UBURUNDI BUSHASHA BW’ISEZERANO.
Ntaho uriyumvira uti none Uburundi bwacu buzogira amahoro kuri bose ryari? Aho indyane zamoko zizohera, hakaba ubutungane kuri bose, abana b’uburundi bose bakangana mukuronswa amashure, akazi, itunga ry’igihugu, hakaba uburenganzira kuri bose maze ntihagire uwusubira kwicwa, kwangazwa, gupfungirwa ubusa no kuburabuzwa.
Ntaho uribaza uti iki gihugu cacu kizova mubukene ryari aho umwana wese w’umurundi azoronka ivyo afungura bikwiriye, uburyamo bwiza, ivyambarwa vyiza, amabarabara agezweho, ibidukikije vyiza, nibindi nibindi…
Nturaraba abantu bari mubukene bw’ubujora basabiriza , bambaye ubucocerwa, baba mudushonge canke baturatura bikagutera umubabaro?
Nturicara hamwe ukiyumvira uti icozana aya mabi yose ashikira abarundi agahera maze hakiganza amahoro kuri bose, ubutunzi bufise umusesekara kumuryango wose n’ubutungane butagabanije.
Usanga umaze kugira ivyipfuzo nkivyo uramaze nawe guhishurirwa ibanga ry’Isezerano kandi Uhoraho Imana araje kukwishura.
Ihanga Ryera ry’Imana ni rya Shengero rya Yesu Kristo azogaruka gutora. Ni abatoranijwe maze bagahabga iryo sezerano ry’Uburundi bgagizwe igihugu c’amata n’ubuki kubera bgahumanuwe kugira ngo bube ishamvu y’Ihanga ry’Imana rigiye gutwara umuvyuro n’ikanguro kw’isi yose. Ni abo b’isezerano.
Abisezerano baramaze kubona ishusho y’igihugu c’uburundi kidafise impunzi hanze, kidafise abanyororo bapfungiwe ivyiyumviro vyabo, ivya politike canke bapfungiwe ubusa.
Abisezerano babona igihugu cuzuye umutekano, uho umurundi wese ndetse n’umunyamahanga uwariwe wese ashobora, bumwiriyeko, kuja gusaba indaro kumuhana uwariwo wose aticura kwicwa kunyuruzwa canke gusahurwa.
Abisezerano babona igihugu kitagiramwo urawanko ubukene, inzara n’amacakubiri, kuko kubgo ico Imana yasezeranye birashoboka.
Kugira ngo umenye ivyo UBURUNDI BUSHASHA BWISEZERANO niwegere uwisezerano akubwire uko abona uburundi tugiye kwibjiramwo bumeze. Eka noneho twararonse umwanya ukwiriye wo gusigura ivyerekeye ISEZERANO ku bantu bose.
Wihererane n’Imana, uce bugufi usenge uyisiguza nayo izogusigurira.
Ico gihugu c’isezerano ntawuzobuza abarundi kukibonana naho yoba nde. Ntugire ubwoba bwivyo ubona vyigira ibiteteye ubwoba. Imana iri muruhande rw’abisezerano ntaco gutinywa kihari.
Bandanya wiyumvire ico gihugu c’akararuhore kandi mushire mumajwi ivyo mubona muri ico gihugu ihanga ry’abarundi rigiye kwinjiramwo.
Semerere abantu bose bamenye yuko hari UBURUNDI BUSHASHA BWISEZERANO abana bose b’uburundi bazobamwo mu Mahoro, iterambere n’uguhimbaza Imana. Abarundi bose bakunda igihugu cabibarutse ni bafatane munda n’abisezerano kugira ngo bashike muri ico gihugu mu mvugo ngereranyo citwa UBURUNDI BW’AMATA N’UBUKI
Abo mwumva bagerageza kwiyitirira ayo masezerano ntibabasamaze kuko ivyo Imana vyose biri ku rutonde. Ingoma y’Imana ntiyibga, ntihindukizwa canke ngo ihangurwe. Mugiye kwambuka mwibonere ivyo mwabariwe kuva kera.
Umwami Yesu Kristo yamamare!