
UMUBATIZO MW’IZINA RY’UBUSHOBOZI RYA YESU KRISTO NI NKENERWA. [IVYAKOZWENINTUMWA 2:38]
Mu gihe hariho abizerara baguma bitongera kubgo imirimo y’abakozi b’Imana bo mw’Ishengero rya Yesu Kristo- Ihanga Ryera ry’Imana, hariho abandi baguma bata umwanya wo kurwanya umugambi w’Imana bavuga utu na turiya, bajarajara baja aha na hariya, abandi bagakora ibi na biriya. Birababaje kubona hariho abata umwanya mu bintu bitagira akanaro ngo ni amaronko n’ivyubahiro kandi hariho ibifise akamaro k’ubu na kazoza bokoze. Abo Imana irabareka kugira ngo irabe yuko bokwikebuka mugabo umunsi ur’izina izobereka yuko bataye umwanya.
Ishengero rya Yesu Kristo – Ihanga ry’Imana ntaryahamagariwe gusayangana mu nyubako nini, nziza kandi zitatse amabara benshi. Ico gihe ntikiragera. Twahamagaruye kwigisha ukuri kwose kw’ijambo ry’Imana, kwigisha abaremwe kwihana n’ukwezwa, gushitsa ukugororoka kwose n’ikwubaha ivyagezwe vy’Uhoraho, kugorera Uhoraho Imana atakwivanga n’ibisesema Umuremyi.
Nico gituma dukwira imitumba n’ibibaya twigisha abaremye bose yuko bakwiriye kwizera Yesu Kristo akaba Umwami n’Umukiza w’ubugingo bgabo, bakiyeza, abatarabatizwa , bakuzuzwa Mpwemu Yera kandi bahore basenga kugira ngo baramirize mu rugendo. Abantu bose basabga kudatangurira ku nyubako z’amasengero mugabo ku nyubako z’imitima, ku bicaniro vy’amasengesho yabo mu mazu iwabo no ku mitumba kugira ngo Umwami Yesu Kristo yamamare mu bantu.
Yesu Kristo ntiyadutumye ngo gende mukwire amahanga mwubaka amasengero, yadutumye guhindura amahanga abigishwa biwe no kubatiza abamwizeye. Ico nico gihambaye imbere ya vyose. Ivyerekeye inyubako navyo bakaza mu rundi rutonde Uhoraho Imana yaduhishuriye. [Matayo 28:16-20]