Inyishu z’ikibazo kigizwe n’utubazo 5: Suzuma ivyo wizeye.

INYISHU ZI KIZAMINI CA MBERE
Kubera inyigisho nyinshi kandi zitandukanye zitangwa n’amadini, amashengero n’imirwi n’abantu kugiti cabo; aba-Kristo benshi ntibazi ico bakwiriye kwizera n’ico bakwiriye kureka. Vyabaye ngombga yuko Mpwemu Yera atanga ikibazo kugira ngo umwe wese apime ugutahura ukuri kw’Ijambo ry’Imana yakiriye. Mpwemu Yera yongeyeko ati : “ Abafise ugutahura baramenya yuko hagera ibihe vy’ibibazo n’inyishu, iyo umwaka w’ishure ugira urangire. Umwami Yesu abahezagire.
Akabazo ka 1. INZIRA YO KUGOROROKA NI:
a) ukuja mu rusengero runaka.
b) ugutanga ikigiracumi n’amashikanwa.
c) Ukwizera, ukwihana, ukubatizwa, ukwuzuzwa Mpwemu Yera no gukorera Imana.
d) ukwubaha ivyagezwe.
Inyishu ni © kandi abantu benshi baragitoye kuko Bibiliya irahishura neza yuko inzira y’agakiza ni Ukwizera Umwami Yesu Kristo, Ukwihana ivyaha vyawe vyezwa n’amaraso Yesu Kristo yaviriye ku musaraba. Uwizera wese agaca abatizwa bakamurambikako ibiganza maze akuzuzwa Mpwemu Yera. Abarongorwa n’imana nibo bacika abana bayo bashobora kuyikorera mu bushobozi. [Ivyakozwe n’Intumwa 2:38, Abaroma 8:14]
Akabazo ka 2. INTWARO Y’IGIHUGU C’ISEZERANO NI:
a) Intwaro rusangi, b) intwaro ya cami,
c) intwaro ya Tewokarasi
d) intwaro yo gusiguza Imana
Inyishu ni (d). Kubera imirwi itandukanye yihenda mu kwigisha igakoresha ijambo ry’imvugo ngereranyo ritari no muri Bibiliya, hariho benshi bayobewe iyo nyishu bishura ngo ni tewokarasi. Ijambo tewokarasi riva mu rurimi rw’ikigiriki ryakozwe n’abanyabgenge b’abapagani bagomba gusigura intwaro z’imana mu bginshi kuko bari bafise utumana twinshi. Ubushakashatsi bgerekana yuko kw’isi uyu munsi hari Imana zirenga 100.000 zose zokwitirirwa tewokarasi. Imirwi y’intagondwa nka Etat Islamique, Boko Haram na El Shabab ivuga yuko igomba gushinga Tewokaratie bita intwaro ya Allah. Inyishu y’ukuri ni ugusiguza Imana.

Kuva kera na rindi mu gihe ca Mose, Dawidi, intumwa gushika n’uyu munsi mw’Ihanga Ryera ry’Imana, iyo hari ikizazaniye abarongozi, bategekwa kuja imbere y’Imana bakayisiguza. Soma [ Kuvayo 33:7-11, Ivyakozwenintumwa 14:23]
Akabazo ka 3. ABAZOJA MW’IJURU NI:
a) abasenga kw’isabato gusa
b) abacunguwe n’amaraso ya Yesu Kristo. c) ababatijwe bonyene.
d) abatanga ivyo bafise.
Inyishu benshi barayitoye kubera yuko atawuzoja mw’ijuru kuko yicunguje amaraso y’ibikoko canke gukurikiza ivyagezwe. Ariko umuntu wese ashobozwa kugororokera Uhoraho Imana no guca bugufi kubgo amaraso Yesu Kristo yaviriye ku musaraba. [ Abikolosayi 1 :20, Abayefeso 1 :7, Abaheburayo 9 :14]

ISEZERANO RY’IGIHUGU C’UBURUNDI RIHAGAZE KU:
a) Ku butware n’ubutunzi
b) ku gutwara umuvyuro n’Ikanguro mu gihugu no mu mahanga.
c) ku watowe n’Imana ngo arongore igihugu. d) ku bitangaza vy’utwumiza.
Inyishu ni (b) kandi hariho abagito nabo cananiye. Abo cananiye n’uko bigishijwe gushira umutima ku bintu nk’uko bamwe bamwe babitwara. Iyo umuntu avuze isezerano ry’Imana, utegerezwa guca ubona ukugendana n’Imana, ukugororoka no no gukora ico yaguhamagariye, ibindi ni inyongera. [Matayo 6:33]
Akabazo ka 5. UHORAHO IMANA ICO ASABA UMURUNDI WESE MURI IKI GIHE NI: a) Ukwihana, ukwiyeza no gusenga cane.
b) Ugutunga intoke abanyavyaha.
c) Ukunezerererwa ivyago yaretse bikaza kw’isi.
d) Ukujabuka yorodani.
Inyishu y’ukuri ni (a) kuko Uhoraho Imana yatumwe abahanuzi benshi kuburira Ihanga ry’Abarundi yuko ibafiseko umugambi uhambaye. Kugira ngo habe ishitswa ry’uyo mugambi ku bantu bayo, basabga ukwihana, ukwiyeza no gusenga cane basaba uburinzi n’ubugombe bg’Uhoraho Imana gushitswa. [2 Ingoma 7 :14]