

UBUVUGISHWA BUKOMEZA GUSHITWA MU MASO YACU
Ijambo ry’Imana ryahishuwe ntirigenda ubusa. Mu mburi dufise ku gihugu harimwo yuko n’abahunze igihugu bazohunguka ku bushake bgabo kugira ngo baze kwibonera ubgabo ibikorwa bitangaje Uhoraho Imana akora mu gishitsa isezerano. Inyuma y’impunzi zatashe kandi zikomeza gutaha zivuye mu gihugu ca Tanzaniya n’Urwanda bakoresheje imiduga minini, hari n’izatashe n’indege zivuye mu gihugu ca Uganda. Ubu naho nyene impunzi zo mu gihugu ca Kongo ziriko zitataha zikoresheje ubgato buniniya. Uhoraho Imana yacu ahabge icubahiro kw’ishutswa ry’ijambo ryiwe. Umwami Yesu yamamare!