Inyishu z’ikizamini ca II

INYISHU Z’IKIZAMINI KIGIRA KABIRI

Muri rwa rukurikirane rw’utubazo Mpwemu Yera yadutumye kwibaza no kwiyishura kugira ngo tumenye kuvangura inyigisho z’amadini n’amashengero n’imirwi y’abantu yigisha ivyiyumviro vyabo canke inyigisho za tewologiya; dushitse ku kibazo ca kabiri kigizwe n’utubazo 5 nyene. Iyo umuntu ananiwe n’akabazo, inyushu ije akwiriye guca afata umwanya wo gusenga, gusoma Bibiliya no kwuzanga iryo jambo. Iyambure inyigisho zidafatiye ku kuri kwose kwa Bibiliye n’ihishurirwa rya Mpwemu w’Imana.

  1. ABAKUNZI B’IMANA NI
    a) Abasenga muri Katolika
    b) Abasenga mu baporoti
    c)Abasenga muri islamu
    d)Abizeye yuko bacunguwe n’amaraso ya Yesu Kristo.
    Abantu baragitoye. Inyishu y’iki kibabo ni (d) ivuga yuko abizeye yuko bacunguwe n’amaraso ya Yesu Kristo aribo bakunzi b’Imana. Ukwizera ni urupfunguzo rw’umu-Kristo kugira ashobore guhimbara Imana. [Abaheburayo 11:6-31]
  2. INTUMWA ZA YESU KRISTO ZUZUYE MPWEMU YERA ZABATIJE:
    a) Mw’izina rya Data, irya Mwana n’irya Mpwemu Yera.
    b) Mw’izina rya Yesu Kristo
    c) Mw’izina rya Yohana Umubatiza. d) Mu butatu bgeranda.
    Kubera inyigisho n’ibikorwa vy’amadini n’amashengero menshi, iki kibazo carasovye abantu batari bake. Nkako Yesu Kristo yatumye abigishwa biwe ati gende mwigishe kandi muyahindure, abizera mubabatizmw’Izina rya Data, irya Mwana n’irya Mpwemu Yera [Matayo28:19]. Inyigisho nyinshi zigarukiriza ngaho gusa. Benshi ntibazi yuko Yesu Kristo yari yarabariye abigishwa biwe ati ntimuje mu bikorwa mubanze murindire umwitsa ariwe Mpwemu Yera. Ati uwo niwe azobigisha vyose, ni nawe azobibutsa kandi azobibutsa-abatahuze ivyo nababariye vyose. [Yohana 14:25-26]. Rero Mpwemu Yera amaze kwururuka, barujujwe baravugishwa baca bigisha bashize amanga babatiza abizera bose mw’Izina rya Yesu Kristo. Inyishu rero ni (b) kuko nta muntu n’umwe muri Bibiliya yose yabatijwe mw’izina rya Data, irya Mwana n’irya Mpwemu Yera. Bose babatijwe mw’Izina rya Yesu. [ Ivyakozwe n’Intumwa 2:38, 8:16, 10:47-48, 19;5, 22:16, Abigalatiya 3:27, Abayefeso 4:5]
  3. ABASENGA IMANA MU KURI NO MU MPWEMU NI
    a) Abayisenga ijoro n’umurango b) Abayisenga bagororotse
    c) Abayisenga bafise ukwizera d) Izo nyishu zose ni ukuri.
    Benshi baramenye inyishu y’ukuri kuko abasenga Uhoraho Imana mu kuri no mu Mpwemu ni abasenga ubudahwema [1 Abitesaloniki 5:16-18] abasenga bagororotse kandi bejejwe kuko Imana ari iyera [1Petero 1:15-17] kandi uwusenga wese agategerezwa kugira ukwizera [Mariko 11 :24]. Inyishu rero ni (d)ivuga yuko izo nyishu zose ari izo ukuri.
  4. AMASEZERANO Y’IMANA KU BURUNDI NI
    a) Ivyiyumviro vya politike vy’abantu
    b) Umugambi w’Imana wahishuwe
    c)Amasezerano rusangi y’abizera bose kw’isi.
    d) Ivyiyumviro abantu bibaza yuko bibereye Uburundi.
    Amasezerano ku gihugu c’Uburundi n’umugambi w’Imana wahishuwe bicuye mu buhishuzi bga Mpemu Yera. Abavugishwa bo mu mahanga no mu gihugu baravugishijwe ku mugambi utangaje Uhoraho Imana afitiye ihanga ry’Abarundi. Abamisiyonari baje mu mwaka wa 1935 baravyeretswe, abavugabutumwa bo mu budagi, amerika, ubulaya harimwo abazanye ikanguro ryo mu myaka iheze nka ba Bonke Leonard baravyeretswe n’abo ku mugabane waAfrika benshi barabivugishijwe; Igikorane ca Pentecote cabaye ku MUGARA mu 1968 niho Mpwemu Yera yabivuze avyeruye ku Barundi. Uyu munsi amasinzi y’Abarundi aguma avugishwa ku masezerano ku Burundi.
  5. NI TWASHIKA MW’IJURU TUZOSANGA
    a) Umwami Yesu Kristo yicaye ku ntembe y’inganji y’Imana
    b) Twicaye ku ntebe y’Inganji y’Imana.
    c) Ubutatu bgeranda bgicaye ku ntembe y’inganji y’Imana d) Ntawuzi uko bizoba bimeze
    Naho iki kibazo cari kigoye kubera inyigisho z’amadini n’amashengero yigisha igice c’ukuri, benshi baratoye inyishu y’ukuri yuko ari (a) ivuga yuko ni twashika mw’ijuru tuzosanga Umwami Yesu Kristo yicaye ku ntebe y’inganji y’Uhoraho. Hariho inyigisho zipfuye zikwiragizwa n’imigwi ifatira ku nyuguti zo muri Bibiliya. Abo nibo bagisibije mukuyovya abizera kuko bagerageza kwereka abantu yuko bokwicunguza ibikorwa vyabo bahagaze ku vyagezwe 10. Ni intumwa za satani zitabizi kuko ivyagezwe icumi ntibitegura umuntu kuja mwijuru vyategura Ihanga rya Isirayeli kubana neza n’Imana n’abantu bageze I KANANI. Yesu Kristo we gusa niwe nzira n’ukuri n’ubugingo kandi ntayindi nzira ihari, inashoboka. [ Yohana 14:6]. Izo nyigisho z’abazimiye kuko badatahura Yesu Kristo uwariwe, nizo zatumye habaho abantu bake bavuze yuko batazi uko bizoba bimeze mw’ijuru. Bibiliya iratanga umuco kandi na Mpwemu Yera arabihishura neza. Ubgambere turazi yuko Yesu Kristo ari UHORAHO Imana [Yesaya 9:6]. Ubugira kabiri turazi yuko indimi zose zitegerezwa kwatura yuko Yesu ari UHORAHO kandi n’amavi yose akapfukamira izina rya Yesu mw’ijuru, kw’isi no munsi ibgina. [Abifilipi 2:9-11]. Ubugira gatatu n’uko Yesu Kristo ariwe shusho y’Imana itaboneka [Abikolosayi 1:15-29]. Ubugira kane, Yesu Kristo yarahishuriye abizera bose yuko umuntu wese amubonye aba abonye Imana Data kuko ari muri we. Ayo majambo aratomoye [Yohana 14:8-14] Ubga gatanu, Yohana yeretswe ibizoba mugihe tuzoshika mw’ijuru. Yabonye amahanga yose ari imbere y’intebe y’Imana n’umwagazi w’intama baririmba. [Ivyahishuriwe Yohana 7:9-12].
    Mw’ijuru nta bibanza vy’Imana bitatutu bihari kuko Imana ari imwe udende, n’intebe y’inganji ni imwe kandi izoba uvyagiyeko Uhoraho Imana. Imana nayo
    nkuko itaboneka, ishushi yayo ni Yesu Kristo. Umwami Yesu Kristo Yamamare!