
KORA IKI KIBAZO UHEZE WIHE AMANOTA.
- BIBILIYA YERA NI IKI?
IHANGA RYERA RY’IMANA
IKIZAMINI KIGIRA GATATU
a) Ni igitabo kigizwe n’ibitabo 66 canditswe n’abanyabgenge b’ivyanditswe. b) Ni igitabo c’ivyagezwe abantu bose bategerezwa gusoma.
c) Ni igitabo cahumetswe n’Uhoraho Imana ngo kitubere Urumuri n’urufatiro. d) Ni igitabo ca kera cane c’indengagihe gikwiriye guhindurwa. - TUJANYE UMUVYURO N’IKANGURO MU GIHUGU NO MU MAHANGA YOSE :
a) Tuzogenda twigisha ivyagezwe icumi vyo mu gitabo c’IVYAGEZWE. b) Tuzogenda twerekana neza anti-Kristo ca gikoko 666.
c) Tuzokwigisha amahanga ko yacunguwe na Yesu Kristo, ko ari muzima, akiza, abohora kandi yuko agiye kugaruka gutora Ishengero.
d) Tuzokwigisha abantu yuko Imana ibazi kandi ibemera ata ngorane. - IMBURI N’UBUHANUZI NI:
a) Amajambo y’Imana abahanuzi basoma bagaheza bakayasubiramwo.
b) Ubutumwa Mpwemu Yera akura k’Uhoraho Imana agaheza akabuhishura abucishije mu bavugishwa.
c) Ibintu bibi biba bigomba gushika hanyuma ba kamenyi bakabishira ahabona.
d) Ivyiyumviro vy’ibanga abavugishwa bagerageza gushira ahabona. - MU MPWEMU ISABATO Y’UKURI NI:
a) Umunsi ugira indwi wama ushika iminsi yose samedi abantu bategerezwa kuruhuka. b) Umunsi w’isabato (samedi) kuva izubaba riserutse gushika rirenze.
c) kuva ku munsi wa nyuma (vendredi) kumugoroba gushika (samedi) ku mugoroba.
d) Kuva umunsi wizeye Yesu Kristo, ukihana ivyaha, ukezwa, ukaruhuka imiruho y’ivyaha. - IHANGA RYERA RY’IMANA RIGIZWE:
a) N’Abarundi bose, iyo bari hose n’uko bameze kwose.
b) N’Abantu bose bari mu mugambi w’Imana kuko bizeye Yesu Kristo, bakihana, bakabatizwa bagahabga Mpwemu Yera ubu bakaba barindiriye isezerano.
c. N’abantu bose bemera kandi bakiyita Ihanga.
d. N’abantu batazwi kandi batazinanyi kubera rivugangwa ku munwa gusa.
http://www.abisezerano.com ihangaryimana@gmail.com tel: +257 61404181 App-Mobile: ISEZERANO